Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abantu cumi bafatiwe ku Mutakura barengutse ubwa mbere mu butungane
Abantu cumi bafatiwe ku Mutakura barengutse ubwa mbere mu butungane
vendredi 7 Gitugutu 2016, par
Abantu cumi barimwo Salvator NAHIMANA, umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi bafatiwe ku Mutakura haraheze iminsi itandatu barengutse ubwa mbere kuri uwu wa gatanu, muri Parake y’igisagara ca Bujumbura. Bose bafatiwe kuri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, kw’ibarabara ry’icenda nomero 59, ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana.
Ababanyi b’aho abo bantu bafatiwe bamenyesha ko bafashwe mu gihe bari mu nama y’ibikorwa vyo kw’isengero ryabo. Babonye umwe mu bajejwe intwaro, ari kumwe n’abasirikare hamwe n’abaporisi, binjira mu nzu barimwo, baca bajanwa bose gupfungirwa muri zone Kamenge. Mu gatondo ko kuri uwu wa wa mbere bakaba bungururijwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bagirizwa ko bariko bakora inama iteye amakenga kandi itemewe n’amategeko, yoba yari igamije gufungabanya umutekano w’igihugu.
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bantu bariko bategura kwegeranya ibifungurwa bihabwa abagizi ba nabi.
Muri abo bafashwe, harimwo Salvator NAHIMANA, umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi.
IGIHe
Messages
7 Gitugutu 2016, 21:14, par Claude Manirambona
Imana Izigame Abo Bantu Kandi Twiteze Ko Bazoza Amahoro Bokomeza Kwihangana
8 Gitugutu 2016, 03:44, par mzoyihera intagoheka
Uburundi bwarahumanye.
8 Gitugutu 2016, 11:50, par ALIDI HICUBURUNDI
Uburundi bwaraguye mumanga,abariko bicha abanyagihugu burimunsi ntibafatwa kubera ari aba cndd fdd,amashurwe aruma akabisa yandi.
9 Gitugutu 2016, 22:41, par Kg
Yemwe yemwe.Cndd fdd hangama kungoma