Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyafrika babiri bari ku rutonde rw’abahiganirwa umupira w’inzahabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abanyafrika babiri bari ku rutonde rw’abahiganirwa umupira w’inzahabu

Abanyafrika babiri bari ku rutonde rw’abahiganirwa umupira w’inzahabu

mardi 10 Gitugutu 2017

Bimaze iminsi ari nk’akamenyero. Abari mu bibanza bibiri vya mbere kur’urwo rutonde ni umukinyi Christiano Ronaldo ava mu gihugu ca Portugal akaba akinira kandi umurwi Real Madrid mu gihugu ca Espagne hamwe na Lionel Messi ava mu gihugu ca Argentine akaba akinira umurwi FC Barcelone wo mu gihugu ca Espagne nyene.

Kur’urwo rutonde rwashizwe ahabona kuri uno wa mbere igenekerezo rya 9 Gitugutu 2017, abandi bakinyi bakomeye barubonekamwo ni Neymar Junior akinira umurwi Paris Saint Germain mu gihugu c’Ubufaransa hamwe na Gianluigi Buffon umunyegori w’umurwi Juventus de Turin.

JPEG - 18.3 ko
Pierre Emerick Obameyang akinira Borussia Dortimund

Abanyafrika babiri Pierre-Emerick Aubameyang ava mu gihugu ca Gabon akaba akinira umurwi Borussia Dortmund wo mu gihugu c’Ubudagi, hamwe na Sadio Mane ava mu gihugu ca Senegal akaba akinira umurwi Liverpool mu gihugu c’Ubwongereza bari kur’urwo rutonde.

JPEG - 22.6 ko
Sadio Mane akinira Liverpool

Umupira w’inzahabu uzotangwa uno mwaka watanzwe n’ikinyamakuru France Football inyuma yo gutandukana n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, mu mwaka wa 2015.

Kuri urwo rutonde, umukinyi Christiano Ronaldo niwe ahabwa amahirwe menshi yo gutahukana ako gashimwe,inyuma yo gutwara igikombe c’ihiganwa rya Espagne; igikombe ca UEFA Champions League; UEFA Super Cup n’ibindi bikombe bitandukanye umurwi Real Madrid watahukanye abigizemwo uruhara rukomeye.

Gushika ubu,umukinyi Lionel MEssi niwe aza imbere mu bakinyi bamaze gutwara ako gashimwe incuro nyinshi kuko amaze kukaronka incuro zine.

Abandi bari kur’urwo rutonde ni:

Neymar (Barcelona/PSG/Brazil); Luka Modric (Real Madrid/Croatia); Paulo Dybala (Juventus/Argentina); Marcelo (Real Madrid/Brazil); N’Golo Kante (Chelsea/France);Luis Suarez (Barcelona/Uruguay); Sergio Ramos (Spain/Real Madrid); Jan Oblak (Atletico Madrid/Slovenia); Philippe Coutinho (Liverpool/Brazil), Dries Mertens (Napoli/Belgium); Kevin De Bruyne (Man City/Belgium); Robert Lewandowski (Bayern Munich/Poland);David De Gea (Man Utd/Spain); Harry Kane (Spurs/England), Edin Dzeko (Roma/Bosnia & Herzegovina); Antoine Griezmann (Atletico Madrid/France); Toni Kroos (Real Madrid/Germany); Gianluigi Buffon (Juventus/Italy); Sadio Mane (Liverpool/Senegal); Radamel Falcao (Monaco/Colombia); Lionel Messi (Barcelona/Argentina); Pierre-Emerick Aubameyang (Borussia Dortmund/Gabon);Edinson Cavani (PSG/Uruguay); Mats Hummels (Bayern Munich/Germany); Karim Benzema (Real Madrid/France);Cristiano Ronaldo (Real Madrid/Portugal); Eden Hazard (Belgium/Chelsea); Leonardo Bonucci (Juventus/Italy); Kylian Mbappe (PSG/Monaco/France); Isco (Real Madrid/Spain)


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.