IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu ba Amerika babujijwe kuja mu Burundi

Abanyagihugu ba Amerika babujijwe kuja mu Burundi

mercredi 16 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika casubiriye kugabisha abanyagihugu baco ko bokwirinda kuja mu Burundi, kubera uruhagarara rwa poritike hamwe n’ubwicanyi bidabandanya kwibnekeza muri ico gihugu, hakiyongeramwo ubugizi bwa nabi hamwe n’ugusubiranamwo hagati y’Abarundi gushobora kwaduka.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ayandi makungu kuri uwu wa kabiri, Amerika yagabishije abanyagihugu bayo, nk’uko yari yabigize kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante 2016.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bumenyesha ko imvururu zifatiye kuri poritike zibandanya mu Burundi kuva habaye impari ku gusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA, amatora yabayemwo impari, hamwe n’igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi. Iryo tangazo dukesha VOA rivuga kandi ko ibitero vy’inkoho n’amagrenade vyabaye kenshi, bikozwe n’imirwi yitwaje ibirwanisho. Muri iryo tangazo bavuga kandi ko amabariyere y’igiporisi n’igisirikare ari mu gihugu cose ashobora kubangamira ubwigenge bw’abanyagihugu, mu mwidegemvyo hamwe n’uruja n’uruza ata ntambamyi.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika buvuga ko ibitero vyagizwe n’inteko zirwanya ubutegetsi, abahoze ari abarwanyi n’imikangara y’inkozi z’ikibi zivuye mu buseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Congo, vyatumye haba ugutana mu mitwe gukomeye kwihaye inkumbi, hakurikira ibitero ku banyagihugu basanzwe, hamwe n’ukunyuruza abantu.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko abakozi b’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi batarekurirwa kuja aho bashaka hose mu gihe bagiye mu bice bimwe bimwe vyo mu Burundi. Abo bakozi baraziririzwa kuja hanze y’umurwa mukuru, Bujumbura mw’ijoro, hamwe n’ukuja mu makaritiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, nka Cibitoke, Gasenyi, Kamenge, Kinama, Musaga, Mutakura hamwe na Ngagara. Umukozi w’ubwo buserukizi yipfuza kuja muri ayo makaritiye agasabwa kubanza kubisabira uruhusha.


IGIHE

Messages

  • Reka kudusamaza twebwe twibereye ku bikorwa ahubwo ja iwanyu

  • Uburundi buzavayo mumbwiye igihugu gihorana amoko imbere niko kimera uburundi buzamera nka somariya ndabarahiye

  • Mwabwamwe Zabarundikazi Gusa

  • Ivyo amerika ivuze nukuri kweruye twebwe turi mugihugu nitwe tubibona ahubwo ivyo muvuze nibike harivyo mutamenya canke Ngo mubone uravye imyimenyerezo yagisirikare igirwa Ni mbonerakura ukaraba ibirwanisho bicirumuriro zahawe Na reta kandi zikabeganda kumutaga no mwijoro atacamira ukaraba amana aguma agirwa hagati yazo nabajejwe umutekano ukara ruswasuma rwoguswasuma abantu hisinzwe amoko ukaraba ubwicanyi bubandanya umusi kumusi kandi bugirwa ninzego za reta zifatikanije Ni mbonerakura biragaragara ko ihonyabwoko rishobora kuba umwanya uwariwo wose ahubwo turasaba amakungu kuza gutabara abarundi mumaguru Masha no gukinga iryo Bara ritaraba

  • Abazi ico message nkiyi ivuga barazi ko mubihe nkibi Uburundi bubwirizwa kugaba cane kuko abo nyene basohoye iri tangazo baba bariko bategura inabi.Ivyo bitero bama bahaya baba bazi ko bagiye kubikora. Mutaryama umukondorazozi mwishinga ibiyeri nkuko mwama. Ubu hoho babafatisha iminwe mubandanije kwasama.

  • Nagomba kubwira akokarwi nabany’Amerika gakomeje gukokeza kugira abagizibanabi bakomeze kwiha inkumbi mu Burundi ko bogezaho kuko nambamwarahomvye inzira yogutora ubutunzi kavukire bwuburundi kuneza kunabi bizobagoracane canke vyaramaze kubagora mbere amaraso yabarundi agiye kubahumira kandi ibimenyetso nivyishicane vyivyago bigiye kubashikira kuko bigiye kwiyongera muzosigare mutaronka nuwomwanya wogukokeza kuvyuburundi. Murakoze yari Mukundwa.

  • MUGWAYE MUMITWE NBE IBURUND KODUTEKANYE MURONDERE NIMWIRABE MWEBWE BUCAMUSARA NIBIYIZERE ABAVUGUKO NABADACHAKA AMAHORO IBURUNDI ARIKO MURIHENDA ABARUNDIKO TUGENDA IJORO NUMUTAGA IVYO MUBISOMEHE AHUBWO ABANYAMERIKA SINZIKO MUFISE UBWENGE

  • None ko Peter Nkurunziza atanditse iyindi Twitter nkuko yabigize yisemba Trump,DD mwarahinyutse sha, America irabapfunga mwese

  • ABARUNDITURARENBEJWENINZEGOZIGIPOLISI NIBOBATWICHIJE INZARA KUKO ICUKOZE COSE BAKWIRUKAKO AHUBWO NIBEMERE KUKO NTAMOKO NGAHAMUBURUNDI NUKWAGUKA KWABATEGETSI ARIKO IKIDAHINDUKA NIJANBO RYIMANA YONYENE BITEBE BITEBUKE BAZIRUKA

  • NBEMWAJUJUTA MUJAHE AHUBWO NABARI MUBURUNDI NIBIRUKANWE MWAZAKUTURIMIRA NIMUGENDE MUSANGE BAMWE MWAFACHAKUDETA NTIMUZIYO BAGIYE MWEZIKI MUBURUNDI KWENDAKURE TWIYUBAKIRE UBUNDI BWACU UBURUNDI TURIHO KANDI TUZOKWAMAHO

  • WAMUHIRINBIRIWE UWOKUBAZA AHO AMABARIYERI YABASODA NIGIPORISI UVUZE MUGIHUGU WOHEREKANB ESE AHOWAVUZE KO ARIHO MWOCHA NGOBAUMUKE BICE ABAJDJWE UTEKANO KUKIKI UBU BATOHAJA KANDI ABA NYAMERIKA ICOMUHIGA KUBURUNDI MUZOKIBONA GUMIWANYU KO ATAMUTEKANO UHARI TEKERAMUGENDE NBE MURI NIYOMUJA UBUHO AMERIKA MURAGOWE IYOMIHINBIRI YIGWA IDUSEVYA NIJIWABO ITUVIREHO EMERIKA IZOTINDA IBE ABUSA

  • AMAHORO TURAYAFISE,KIRETSE,INTOVYI,ZISHAKAKUDUTOBERA,IVYORERA,NTAGIHUGU,NAKIMWE,BITARIMWO,KIRETSE ,MWIJURU,NAHONYENE,HARIGEZE,KUBA,URWAMO,KAKAGABO ,SHETANI,GASHWANA N’IMANA,ICIGAHENURIRA KWISI,MURUMVARERO,INTOVYI,NTAHOZITARI,KONO MWIJURU ZAHIHANZE,ZOREKAKWISI,BUMVAKOCTOZA MUBURUNDI KUBERICO BAZOHAVA BABURA,AHO BATEMBERERA,KUKO HOSE,NINKUKO NTAMWOGA UBURISATO IBA IDAHIZWE,

  • AMAHORO TURAYAFISE,KIRETSE,INTOVYI,ZISHAKAKUDUTOBERA,IVYORERA,NTAGIHUGU,NAKIMWE,BITARIMWO,KIRETSE ,MWIJURU,NAHONYENE,HARIGEZE,KUBA,URWAMO,KAKAGABO ,SHETANI,GASHWANA N’IMANA,ICIGAHENURIRA KWISI,MURUMVARERO,INTOVYI,NTAHOZITARI,KONO MWIJURU ZAHIHANZE,ZOREKAKWISI,BUMVAKOCTOZA MUBURUNDI KUBERICO BAZOHAVA BABURA,AHO BATEMBERERA,KUKO HOSE,NINKUKO NTAMWOGA UBURISATO IBA IDAHIZWE,

  • Babibona Gt? Abo Banyamerika Bica Biboneka Neza Naneza Ko Bafise Uruhara Muriryo Hungabana.Kiretsimana Yonyenitubona Nivyo Twiyumvira. Muriyo Misirangiye Harabavuzuko Ivyakurikiye Mwarabibonye Ndabarahiye Abarundubwabo Twojahamwe Tukubakigihugu Atawanrya Wangura Kuko Donald Yavuze Ngo Sumujandarume Wabirabure Canecane Afrika .Nubu?

  • sha misago ww utekanyiwawe kuberufise ivyo bariko barakutamika nurabeneza ntibize bigucemu mazuru ga misago niwundi uramenye ko apfungiwe ibubanza komera wiyimbirumwobo bandanya namaraso.ariko numenye kuvuga kwanz uyomuda wawe uwushire kuruhande.ramba

  • Misago ’we ugukwimpenekokeje kandi Intabnagwa Ibwigwa nuko Amaso Atukuye!

  • Uburundi buratekanye 200/100. Usibye mujeri zirirwa zirasebya igihugu cyazibyaye.

  • NIBAREKE KUZA NTACOBADUHA ATARI KUDUCANISHAMWO

  • Numvirij ndasigw mbe amerika ifise uburyo bukwiy imbwa nkurumbi arakeny .none ko turi imisore yiyemer NIYOMBARE ,NYANGOMA ,RAJABU,SINDUHIJE ,JEAN MINANI,...vyase yuk bododor hanze bakabaha vya ngombwa uburundi bugafatwa umusi 1 ata gitabara?burakey bahabon.mu makambi yi mpunzi turipanze kand ameny k naw nyen arih yakironkey.none ntiya forumira mtendeli?sawa.

  • Bararka Kuza Nakare Uwutokuvtuna Yokuva Inyuma NakareNtacobatuyanira Kandi Immbere Yuko Utosora Umuntu Ubanza Kwitosora Nawe Irya Myiyerekano Numva Muri Amerika UgaraNgo N’amahoro?

  • @intarutinya. Ibyo uzi ni ukurya impengeri i Mahama gusa uzapfa ubungera nk’abanyamurenge .

  • Ahubwo Ntibaz Biyumvir Nukugaruka Kuko America Ntanakimw Itumariy Atarukudashanishamwo Imez Nkumuntu Wansumirinda Ahantu Hos Ibona Ko Yohakura Inyungu Ica Iteranya Kugira Yinjir Yironker Amaronka Amerika Ntigira Aho Yegamiy Itambira Hos Nkimbwa Ibony Inyama.

  • oya igihugu cuburundi baramaze kugiturira.ariko uwo mugabo yohava cosubira gutohoka.ariko akagumako kiraka cose gihere.ndavuga simvura.ikibwirwa nicumva icerekwa ni ikibona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.