Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abanyamerika bankiwe gusubira kwinjira muri Irani
Abanyamerika bankiwe gusubira kwinjira muri Irani
lundi 30 Nzero 2017, par
Igihugu ca Irani casohoye itangazo ribuza abanyamerika gusubira kwinjira ku butaka bwaco, inyuma y’aho umukuru w’igihugu Donald Trump asohoreye itegeko ribuza aba isilamu baturuka mu bihugu indwi kwinjira muri Amerika mu kiringo c’amezi ane ari imbere. Ivyo bihugu indwi ni Iraki, Libiya, Siriya, Sudani, Yemen hamwe na Somaliya.
Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyatangaje ko iyo ngingo ariyo gukingira igihugu ku bantu baturuka mu bihugu bigwiriyemwo iterabwoba.
Iryo tangazo ryasohowe n’Umushikiranganji wa Irani, ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, rivuga ko ingingo y’umukuru w’igihugu Trump ari iyityoza ibihugu vy’aba isilamu, kandi ko ari nk’agashimwe Donald Trump ahaye imihari y’abiyahuzi. Irani yatangaje ko iryo tegeko ry’ubukuza abanyamerika kugaruka muri ico gihugu rizohinduka ari uko Amerika yakuyeho iyo ngingo.
VOA itangaza ko igihugu ca Irani kibaye ica mbere gisohoye itangazo ku bijanye n’ingingo y’umukuru w’igihugu Donald Trump.
Umukuru w’igihugu Donald Trump yatangaje kuri uwu wa gatandatu ko abantu barekuriwe kwinjira ku butaka bwa Amerika ari abashigikiye Amerika bonyene.
IGIHE
Messages
31 Nzero 2017, 05:04, par mzoyihera intagoheka
Azibire kabisa izontagondwa zigume iwabo, numugabo kabisa.
1er Ruhuhuma 2017, 05:55, par Anti barrack
Ge namye ndamushigikira nanje ndi umukuru wigihugu nta mu Islam wakinjira mu gihugu cyanje kuko bose nivyihebe