Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure 5 ba Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mu Mpimba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure 5 ba Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mu Mpimba

Abanyeshure 5 ba Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mu Mpimba

samedi 15 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umunyeshure agira indwi wo muri Kaminuza y’Uburundi yahagaritswe kuri uwu wa gatanu, ajanwa gupfungirwa mu kibanza kitaramenyekana. Jean Claude Hatungimana yafatiwe hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Kuri ico gitigiri c’abanyeshure indwi bari mu mvuto, batanu muribo bari mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva ku munsi wa mbere, uwa gatandatu nawe akaba agipfungiwe mw’igendereza. Uwo w’indwi, Jean Claude Hatungimana ntawuramenya aho apfungiwe.

Mu giporisi c’Uburundi bagiriza abo banyeshure ko aribo bariko bashaka gutera imigumuko mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi.

Ivyigwa vyarahagaze kuri izo Kaminuza zompi, abanyeshure bagasaba ko ingingo y’uko agafashanyo bahora bahabwa kohinduka ingurane yohagarara, kuko ku bw’abo, iyo ngingo ije gucinyiza abanyeshure bo mu miryango ikenye.

Abanyeshure bo kw’ishure rya Kaminuza y’ivy’ubuvuzi (INSP : Institut National de Sante Publique) bandikiye nabo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamusaba ko yorindira gushira umukono kw’itegeko rihindura ingene bahora bahabwa agafashanyo (Bourse), iryo tegeko rikavuga ko bagiye kugahabwa nk’ingurane (Prêt-bourse).

Abo banyeshure bavuga ko mu gihe iyo ngingo itoba yahagaritswe kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2017, nabo bazoca bahagarika ivyigwa.

Mu rwandiko abo banyeshure barungikiye umukuru w’igihugu, bamumenyesheje ko iyo ngingo ifashwe mu mwanya atariwo, kuko itazokworohereza abanyeshure kandi ko n’abanyagihugu bugarijwe n’ubukene. Abo banyeshure basaba ko iryo tegeko ryoba rirahagaze.


IGIHE

Messages

  • Abanyeshure Batayindero Batubaha Nibatahe Sibobana Buburundi Bonyene Abandi Buha Bazokwiga Abondabita Yamihimbiri Wagasore Yavuga

  • Ariko Abarundi mujya munsetsa koko. Ngo mwahagaritse kwiga kubera Ko Leta igiye kujya ibaguriza bource? Mu Rwanda ibyo hagiye gushira imyaka 10 iryo tegeko ryubahirizwa ubu abishyiriwe na Leta turi kwishyura none ngo mwebwe muzajya mu myigaragambyo ? Leta yari yarabatetesheje irakabya. Mu maseginderi se mwishyuriwe na Leta? Ubundi mu rwanda uko bigenda university ugomba kwiyishyurira kereka iyo byagaragaye Ko ukennye cyane.

  • Abo banyeshure nta ndero bagira barashobora kwandikira président nkuko umenga bariko bandikire nyumba kumi .nyakubahwa président nagomba kumusaba ko yova mugacerere agakosora iyo mihimbiri.

  • Nukur abategetse nibarek kwirengag4za ko nab biz kubera bourse nibabumviriz nimba bakeneyeko nab biga

  • none muhagaritse ivyigwa hahomba nde? niyo mpamvu abarundi insinzi barikujabuka Baja kwiga irwanda kubera imigumuko idahera mumakaminuza yuburundi, aho umuntu aheza atwaye 7years aho kuba 3 years. abatwaye uburundi mbere nibo babwishe nabi. none guheza kwiga waronka akazi ukishura udeni wahawe leta ikaronka uko yishurira abandi icibazo cirihe? ariko ngo agakomye kose imigumuko!!!! Nkuru we arabereka ubudasa basha!!

  • Abarundi bari barimenyereye niho hava akajagari. Hari harabuze intwaro ishiraho ordre na discipline. Mwarabonye aho les medias zikorera ivyo zishatse ako zatugejeje.Izo mburakimazi zo kuri université abatari bake muribo bazi gusoma no kwandika àpeine bashaka kubandanya abanyagihugu babarihira bakarya bakaryama. Nta gihugu na kimwe kw’isi cigisha muri kaminuza ku buntu.
    Ubu uwuzoshaka kuja kuri université azobanza guharura ko abishoboye apana kwirukayo nkuwugiye mw’isoko; yasohoka kaminuza akabura ico amara kuko atize neza.Ahubwo niyo nguranagira yobwirijwe kuhava kugira uwushaka kuja kuri kaminuza yirihire. Bourse igahabwa umunyeshure koko atagira uburyo. Vyari akamaramaza aho umwana wa directeur general, wa ministre n’umwana wa ntaho nikora bose baronka bourse ukayoberwa umukene n’uwutariwe.

  • Erega ntagitangaje hatwara inkandagirabitabo!!! Raba abo babafata beshi bize muri yagamukama gusoma nukwandika! Kandi ako gafashanyo nako bashaka kugahemba imbonerakure, FDLR n’interahamwe kuko buruguri y’abashinwa ibigega bisa nibigaragara! Komera kumuheto Rumuri muzotsinda, mugire urunani rw’intamenwa

  • - Bourse ntiyakuwe;
    - Kuri bourse hongeweho pret-bourse kugira haboneke chances kuri benshi;
    - Iri tegeko rizanye agatege kuri culture de l’excellence ikaba ariyo iteye ubwoba abanyeshuri.
    Naho Ubu hari ubukene mumigamb yumuntu hari ugutera imbere. Ariko abo abanyeshuri ubukene barabwibonamo ngihe bazohereza kwiga. Mbere bazokomeza ubukene mbere basanzwe bikeneye mubitekerezo.
    Bafise iyindi ngorane yo kwikunda iza yarabaye indwara.

  • Bapfunge mubakosore kudahana imbwa kugwiza imisega! Ariko nibabe batubwiza ukuri Kuki aho gusaba ivyo basaba mumahoro batuka umukuru w,igihugu? None nkabo bokwiga ho bofasha iki igihugu.Banyakwubahwa mubijejwe ntibabirateko mureke huge uwushaka!!!!! Twese twarize kandi ico give twarubaha inzego ndetse tweho vyari bikomeye mugihe hari ABANYESHURE batwagwa ntitumenye n,irengero n,abiwabo ntibongere kubabona!!!! Umwana arezwe neza asohora amaboko

  • Abo banyeshuri bagomba guhagarika ivyigwa, nibaza y’uko bafise akandi kagorane nimba atabariko barabahenda. Erega abo bariko barabakoresha bobo baraminuje kera, n’abana babo bariko biyigira mu za buraya. Va i buzimu muje ibuntu. N’ibihugu vya buraya ari navyo bitunze nta munyeshuli ahabwa amahera ya gusa, baguha ingurane uramutse uhejeje amashuli ukazoza uyasubiza buke buke. None mwanse kwiga none ninde azoba ahomvye? None Leta iramutse ifashe ingingo yo kuyugara muzob’abande? Erega Leta ntizohomba nagatoya, kuko abana b’impunzi bari hanze bariko baraca ama Doctorat n’injojo apana utwo dupapuro twa YAGAMUKAMA ngo ni Licence. Mwe nimwasame muzohora mukubura mukongera mugasibura imiserege yazivye. Uwuhiriwe wewe azoba n’umu planton.
    Ikibwigwa n’icumva.

  • Jewe namye mvuga yuko iyi reta ya Nkurunziza kwitwarwa nimvuruzi gusa, ico baribasazwe bazi nukwiba gusa nivyobazi gusa, nayibindi nivyo batawemwo ntavyugutwara bigeze bamenya.
    None nkabo banyeshure babahoriki?, kuba bandikiye uwiyita ngo ni perezida wuburundi nikosa?
    icishe ubu burundi nubwabantu bicara kukanyaringabo ngo ntibohinyanyura amakosa baba bakoze ngo bariko barashinga amategeko atacamariye abenigihugu.
    Jewe harigihe nibaza ati ubwuburundi butwarwa nabantu bafise ivyiyumviro? nayikibazo cabanyeshure bo kurikaminuza numwana amaze ukwezi kumwe avutse nticomunanira gutorerinyishu.

  • Bavandimwe bacu iyi ngingo imaze igihe kirekire yubahirizwa hano mu Rwanda ndetse nabize guhera muri za 1980 baronswa ako gafashanyo bamwe barangije kwishyura kera,ahubwo byari kuba byiza bahereye ku bize kera bose kuri bourse ya leta bakishyura bityo bagaha urugero rwiza obo bana,bityo byaborohereza kubasigurira.

  • Jewe Ico Ndavyiyumvirako Nuko Abobanye Shure Borekugwa Hanyuma Ivyabobikirwa Kuko Murikaminuza Yose Ntihopfugwa Indwi Bonyene Beyemeje Kubapfunga Nibapfunge Kaminuza Yose Nahubundi Uwo Siwomuti W,ibibazo.Ikibazo.None Kobabapfunze.Ikibazo Cararose Inyishu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.