IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba ENS bitavye akamo batewe

Abanyeshure ba ENS bitavye akamo batewe

dimanche 23 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bo kw’ishure nderabigisha ENS (Ecole Normale Supérieure) bahagaritse yegereyegere bari bamazemwo hafi ukwezi, biyamiriza ingingo isubiramwo ingene bahabwa agafashanyo, kagiye guhinduka ingurane abanyeshure bazoriha bahejeje amashure (Prêt-bourse).

Ubuyobozi bw’iryo shure nderabigisha bwari bwasavye ko abo banyeshure bosubira ku mirimo, ivyo basaba bakabikora bariko bariga. Babiri mu baserukira abo banyeshure bakaba baheruka gufatirwa ibihano vy’ukwirukanwa kuri iryo shure, bagirizwa "gutegura imigumuko" kuri iryo shure.

N’amafaranga y’agafashanyo (Bourse) abo banyeshure baronka kari kabaye karahagarika.

Tubibutse ko abanyeshure batanu ba Kaminuza y’Uburundi bagipfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Abo banyeshure batanu bari mu baserukira abandi bapfungiwe mu Mpimba ni Jean Bosco Bakanibona, Audace Nkunzimana, Simon Rurasuma, Elysé Dushime hamwe na Dieudonné Bigirindavyi. Bose bagirizwa ko bateguye imigumuko muri Kaminuza y’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Nibagende nakare ntibarose ibatisimu ngo babe Civilisés!!! Ecole nisubire kumirimo, Université izobasabira uburenganzira bwabo kuko ntawobaheba!

  • vyoba.vyiza.basubiyekumashuri

  • Abarundi baratangaje cyane. Imyifatire yabo ntabwo ishobora kuzatuma igihugu cyabo gitera imbere. Bahora muri yegeregere, kandi wareba ugasanga nta mpamvu. Ubuse nk’ubu hari uyobewe ko hagi ku iso yose abanyeshuri biga ku nguzanyo bakazishyura babonye akazi? Mu RWanda iyi gahunda ikora neza kandi abaturage batayishimiye. Abarundi bakunda umuhanda kbs. Harya iyo uri mu muhanda hari amafaranga yinjira mu mufuka wawe? Mujye mwishinga abanyapolitiki .

  • Subura Ku mirimo benewacu ingurane nayo ntibatere ubwoba kuko muzoyishura murose akazi kandi bakata dute caaane k,umushahara! Mwoba muziko ivyo ahubwo ari inyungu kuko Leta izoguma ikora ukwo ishoboye kwose kugira muronke akazi ngo muyirihe namwe muzoca muvyungukiramwo kuko muraziko n,akazi kari kagoye kuronka Uwambaye ikirezi ntamenya ko cera.

  • Nonenkabobanyeshure Ntibokwitonda Ivyobasaba Bigacamunamaningo

  • ibihugu nka vyose muri afrka biga kungurane yaleta bakazoja barakata mumushahara makemake bamaze gutangurakazi

  • Ahubwo abobanyeshure ntibaribazi ico bakora none ko basubiye mwishure ivyobasaba babirose ivyabo ndabigereranije nawamuvuduko warusake

  • Ewe Leta We Utugeze Mwizosi Tubuca Tukudahwa.

  • None Iyo Pret-bourse Bazoyiriha Gte Ko Kuronka Akazi Mu Burundi Asigaye Ari"UMUZI WIBUYE" ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.