IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi bafise amakenga ko ishobora gushirwa (...)

Abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi bafise amakenga ko ishobora gushirwa mu minwe y’abigenga

vendredi 10 Ruhuhuma 2017

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bamenyesha ko bafise amakenga ko kaminuza ishobora gushirwa mu minwe y’abikorera ivyabo, inyuma y’itangazo ryasohwe n’ubuyobozi bujejwe uburaro muri kaminuza risaba ko uwushaka kuba mu bigo vya kaminuza yoriha amafaranga 5000 vy’amarundi.

Abaserukira abanyeshure bavuga ko badatahura iyo ngingo yafashwe n’ubuyobozi bwa kaminuza, kuko mu gihe yoshirwa mu ngiro ishobora gutuma hari aboronka uburenganzira bwo kuba muri kaminuza batabikwiye mu gihe, hari ababifitiye uburenganzira bobura indaro.

Abo baserukira abanyeshure muri kaminuza y’Uburundi bavuga ko bafise amakenga kandi kubona hari n’abanyeshure basaba indaro abasanzwe baba mu bigo vya kaminuza (Maquisards) nabo bazotanga ayo mafaranga.

Abanyeshure muri kaminuza y’Uburundi basaba ko iyo ngingo yosubirwamwo mu ntumbero yo gukorera mu muco.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.