Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshuri bahagaritse ivyigwa muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza (...)
Abanyeshuri bahagaritse ivyigwa muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS
jeudi 16 Ntwarante 2017
Ivyigwa vyahagaze muri kaminuza y’Uburundi n’ishure kaminuza nderabigisha ENS kuva ku muhingamo wo kuri uno wa kane,igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017.
Inyanduruko y’ihagarikwa ry’ivyirwa muri kaminuza y’Uburundi n’ishure kaminuza nderabigisha ENS ni ihagarikwa ry’abaserukira abanyeshure batanu, harimwo batatu bo muri kaminuza y’Uburundi na babiri bo muri kaminuza nderabigisha ENS.
Amakuru ava mu begereye ubuserukizi bw’abanyeshuri muri kaminuza zibiri, bamenuesha ko abo baserukira abandi bahagaritswe bongera bajanwa mu biro vy’igendereza i Bujumbura, inyuma yaho bari bitavye imitahe yabarengutsa muri sentare nkuru ya komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.
Abanyeshuri batatu bo muri kami nuza bari barungikiwe imitahe ibarengutsa kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ntwarante,umwaka wa 2017, ku mitahe hari handitseko batumweko ku mvo z’amatohoza.
IGIHE
Messages
16 Ntwarante 2017, 17:17, par Nowera Nimbona
Uwonumugambi wokuhonya incabwenge zose hano muburundi, ubwubon uburundi kugira buzosubire gutwarwa na bategetsi, biyubashe bakubaha nabenuburundi biracarikure nkunkwezi, kiretse Imana iciyurubanza kubategetsi, kuko yahorikora kera mukurimbira abategetsi babisirayeri bagararije. Niko nuburundi vyaribikwiye kumera.
16 Ntwarante 2017, 21:31, par Nema
Urumunyeshure Ukaja Muri Poritike Biba Bikunani !
16 Ntwarante 2017, 23:18, par Kuri
UBURUNDI !!!!!!!MURIHAYE IBARA
17 Ntwarante 2017, 15:30, par Nyota
Vyose nikubwiyi leta nabanyeshure naba mugasho ?aho babutse abanyeporitike bafunga nibabareka bibandanirize ivyigwa .
17 Ntwarante 2017, 20:03, par papy
bajye babafunga ntibazi icyo bagiye gukora iwabo ko babatumye kwiga babatumye gukina poritike?