Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure bahora biga ku mashuri yugawe basabwa kwiyandikisha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Abanyeshure bahora biga ku mashuri yugawe basabwa kwiyandikisha (...)

Abanyeshure bahora biga ku mashuri yugawe basabwa kwiyandikisha kuyagikora

mercredi 6 Nyakanga 2017

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji Muganga Thadée NDIKUMANA yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nyakanga 2017, yavuze ko ishuri Ecole SALAMA, Ishure ryigisha ubuhinga bwo kuvura ITEM hamwe n’ishuri Groupe scolaire Paramedical de Bujumbura ariyo yugawe.

Thadée NDIKUMANA yavuze ko ayo mashuri yugawe kubera yigisha adafise uruhusha rwo kwigisha rutangwa n’ubushikiranganji, mu gihe ku yandi mashuri ibisata vyugawe mu mwaka wa mbere kuko hari ibisabwa amashuri adakwije.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu Muganga Thadée NDIKUMANA yavuze ati : ’’Kwigisha umwuga wo kuvura ni umwuga udasanzwe. Ayo mashure yugawe kuko adafise abigisha bamaho, adakwije ibikoresho vyo gukora ubushakashatsi n’ubuhinga,abigisha bakaba kandi badafise ubumenyi buhuye n’inyigisho batanga.’’

Ku bijanye no kumenya ikigiye gukurikira kuri iyo ngingo yo kwugara ayo mashure, Muganga Thadée NDIKUMANA amenyesha ko ayo mashure azotegerezwa gukwiza ibibuze, mu nyuma yandikire ubushikiranganji abusabe gusubira kwemererwa gukora.

Agira ati:’’Mu bushikiranganji hariho igisata kibijejwe, ayo mashuri azosaba ubushikiranganji amaze gukwiza ibisabwa,kugira aronswe uburenganzira bwo gusubira kwigisha.’’

Ku kibazo cibonekeje mu mashure yigenga yigisha ubuvuzi aho asaba abanyeshuri amafaranga kugira baronke impapuro z’umutsindo, Muganga Thadée NDIKUMANA avugira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA amenyesha ko ata munyeshuri akwiye kurihishwa ayo mafaranga kuko mu bushikiranganji bashira umukono kuri izo mpapuro z’umutsindo ata mafaranga basavye.

JPEG - 49.5 ko
Dr Thadee NDIKUMANA, Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida

Aboneraho n’akaryo ko gusaba ko abajejwe amashuri batse amafaranga abo banyeshuri boyasubiza.

Mu ngingo y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu iheruka gusohoka, umushikiranganji yamenyesheje ko ibisata vyo kwigisha ubuvuzi, ubushakashatsi n’isuku arivyo vyugawe ku mashuri amwe amwe yo mu gihugu mu mwaka w’ishuri 2017-2018, kuko ata bikoresho bikwiye bafise.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.