Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshuri bo mu myaka yi 9 na 10 bamenyeshejwe umunsi w’ikibazo ca (...)
Abanyeshuri bo mu myaka yi 9 na 10 bamenyeshejwe umunsi w’ikibazo ca Reta
samedi 3 Ruheshi 2017
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017,umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko abanyeshuri 144795 bari mu mice itatu aribo bazokora ico kibazo,kandi mu muce wose bazokora ivyo bize.
Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko abananiwe mu myaka iheze biga mu myaka ya 10 n’umwaka w’9 ababishaka bazosubiramwo ikibazo,ku bananiwe mu mwaka w’10 bazkra kuvyo bize mu mwaka w’10 imbere y’uko bayoberwa.
Muri ico kiganiro umushikiranganji w’amashuri y’intango,ayisumbuye,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi yamenyesheje ko ku bijanye n’abatora ikibaz hari itandukaniro kuko uno mwaka ikibazo kizotorwa n’abigishije mu gihe mu myaka iheze cahora gitorwa n’umurwi usanzwe.
Mwomenya ko abazosubiramwo ikibazoo bahora biga mu mwaka w’9 ari 17475,abahora biga mu mwaka w’10 nabo bakaba 11327.
MUGISHA Van Naris
Messages
3 Ruheshi 2017, 14:07
None Bamwe Bababa 80.000 Bananigwa Mu Mwaka Uheze Ko umengo Ntanabashika 30.000 Bazosubiramwo Abandi Baroye He? Amashule Y’uburundi Yananiranye Pe!
3 Ruheshi 2017, 14:42, par Serges Habonimana
Nisaw Kokizotora Abigishije.Iyo Ngingo Ij Hagez Babarenganya.
3 Ruheshi 2017, 14:52, par Serges
Ikindi Naco Bokwisunga Avancement Yuwambere Nuwanyuma Kuko Amacondition Yukwiga Hamwe Hamwe Samwe Haraho Bigorana.
3 Ruheshi 2017, 19:03, par Tony Richard
Twashaka Kumenya Igenekerezo Kizokoregwako.
4 Ruheshi 2017, 05:26, par Nibaruta Oscar
Ni Vyiza Naho Twiga Tutabona Iyo Tuja Kuko Na Bakuru Bacu Baricaye None Isango Ibibazo Bizokorerwako Kwataryo Yavuze?Ni Ryari?
4 Ruheshi 2017, 06:24, par Giti
Barakora Bandeke
4 Ruheshi 2017, 11:51, par niyomungere prosper
mbe nikuberiki abandi batakoze bimwe kandi batize bimwe
4 Ruheshi 2017, 16:43, par Haijaniacha
None komutavuze itariki ?mwoshobora kutumenyesha
igenekerezo tuzokorerako
nimutunyarukirize na bundi.
mwarimwadutebeje.
nivyiza ko hazotora abigishije
kubwacu twagirango barahejeje
gutora. nibanyarutse.
5 Ruheshi 2017, 11:40, par nsengiyumva fabien
nabigisha bo kumashure nyene bazocitorera nk kurya kwa examen??bazogikora ryari