Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanywanyi ba Econet Leo bagabishijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Abanywanyi ba Econet Leo bagabishijwe

Abanywanyi ba Econet Leo bagabishijwe

mercredi 5 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Itangazo ry’ukugabisha ishirahamwe Econet leo ryasohoye rimenyesha ko abanywanyi baryo batigera barungikirwa ubutumwa mw’ibanga.

"Econet leo imenyesheje ko atanarimwe irungikira ubutumwa bw’ibanga umunywanyi kandi nta narimwe umunywanyi asabwa kuriha amahera mu gutora ivyo yatsindiye."

Muri iryo shirahamwe bibutsa abanywanyi ko irushanwa "Tombola" ririko riraba muri ino minsi ari HAMAGARA UTSINDE, naho nyene ubushimwe abanywanyi batsindira akaba ari amakinga, ibitenge, Terefone, amaradiyo, imboneshakure, amatara yakishwa n’izuba, ama inite hamwe n’amafaranga agera ku muriyoni w’amarundi.

Abanywanyi ba Econet Leo basabwa kwitondera inomero zibahamagara zibabwira ko batsinze.

Muri iryo tangazo, mw’ishirahamwe Econet leo bagira bati : "Igihe mutsinze, muhamagarwa na nimero imwe gusa ya Econet leo ariyo “142”. Iyo nimero yacu rero irabahamagara, ntibarungikira ubutumwa SMS."

Ishirahamwe Econet leo rihamagarira abanywanyi baryo kugaba no kwirinda ubutumwa nk’ubwo, hamwe n’ugukorana n’igiporisi kibegereye mu gihe bomenya uwushaka gukora ubwo busuma.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.