Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abapfungwa 568 barimwo aba MSD barekuwe ku kigongwe c’umukuru (...)
Abapfungwa 568 barimwo aba MSD barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu
lundi 23 Nzero 2017
Umurwi wa mbere w’abahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu warekuwe mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 23 Nzero 2017.
Umurwi wa mbere warekuwe wari ugizwe n’abantu 568 bagizwe ahanini n’urwaruka rwafatiwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Ico gikorwa cari catewe iteka n’umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana. Abarekuwe bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu igihe yashikiriza ijambo ryo kwipfuriza umwaka mushasha wa 2017 abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi.
Abarekuwe ni abaciriwe igihano co gupfungwa imyaka itanu canke iyiri munsi y’itanu,nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Bitegekanijwe ko ico gikorwa kizobandanya no mu yandi mabohero yo hagati mu gihugu, abagera ku 2500 akaba aribo bazorekurwa.
Umushikiranganji w’ubutungane, Aimée Laurentine Kanyana, yasavye abarekuwe ko bokwirinda inyifato zotuma basubira gutakaza umwidegemvyo.
IGIHE
Messages
23 Nzero 2017, 14:47, par Alain Nyabenda
Ico kigongwe gitanzwe n’Umukuru wigihugu cangwa nigitsure c’ubumwe bwa buraya mwitangazo buheruka gusohora.
23 Nzero 2017, 14:50, par Mwumba
Abo bararara bishwe
24 Nzero 2017, 08:54, par Adama Barrow
Raba inguvu z’Ubumwe bwa Buraya,iyo badategeka Peter na DD yiwe, ntibopfunguwe,bravo l’Union Europeene