Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abaporisi barenga ibihumbi 12 birukanwe mu kazi muri Turkiya
Abaporisi barenga ibihumbi 12 birukanwe mu kazi muri Turkiya
mercredi 5 Gitugutu 2016, par
Abapolisi bo muri Turukiya barenga ibihumbi cumi na bibiri bahagaritswe mu kazi kuva kuri uwu wa kabiri, bagirizwa kugiranira imigenderanire n’umunyedini Fethullah Gulen, akibandanya kwagirizwa na Reta ko ariwe yateguye umugambi wo gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kw’indwi guheze.
Abategetsi ba Turukiya batangaje ko abaporisi barenga ibihumbi 2500 muri abo bari abakuru barongoye abandi.
Iryo hagarikwa mu mabanga ry’abo baporisi rije rikurikira ingingo yafashwe na reta ya Turukiya yo kwongereza ibihe bidasanzwe ku yandi mezi atatu igihugu cari cashizwemwo.
VOA ivuga ko kuva aho haburijwemwo ihirikwa ry’ubutegetsi, abasirikare bashika ibihumbi ijana, abaporisi, abacamanza hamwe n’abakora mu gisata c’indero bamaze kwirukanwa mu buzi. Abashika ibihumbi mirongo itatu nabo baramaze gushirwa mu mabohero.
Abahinga bavuga ko Fattulah Gulen, afise abanywanyi baharurwa mu bihumbi amajana muri Turukiya, benshi akaba ari abagwizatunga, abandi nabo bakora mu bisata vy’abikorera utwabo.
IGIHE