Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi b’Abarundi bagiye guhurira mw’ihiganwa ryateguwe na (...)
Abaririmvyi b’Abarundi bagiye guhurira mw’ihiganwa ryateguwe na RTNB
mardi 13 Ruheshi 2017, par
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umuyobozi mukuru w’Insamirizi n’Imboneshakure vy’Igihugu (RTNB), yamenyesheje ko bagiye gusubira gufata mu mugongo abaririmvyi nk’uko vyahora bikorwa kera. Uko kubafata mu mugongo bizoca mw’ihiganwa ku civugo ”Uruhara rw’umuririmvyi mw’iterambere ry’igihugu”.
Abaririmvyi bo mu ntara zose bazokwiyandikisha mu makomine canke ku mirwa mikuru y’intara babamwo. Indirimbo zizoja mw’ihiganwa zizoba zirimwo ubutumwa bw’iterambere, agateka kazina muntu, amagara y’abantu hamwe n’ibidukikije. Nta ruririmbo rutari mu kirundi ruzokwemererwa guhiganwa kandi ururirimbo ruzoba ruri ku CD canke kuri Flash Disc. Abaririmvyi bari mu mirwi baremerewe guhiganwa.
Ibihangange mu muziki nka Big Fizzo, Natacha, hamwe n’umurwi Peace and Love baratowe kugira bazoserukire ico gikorwa. Abo nabo igikorwa cabo ni ico kuzoryosha ibiteramo vyo gutora abaririmvyi bozoserukira intara, hamwe no mu giteramo ca nyuma c’ihiganwa.

Uko ihiganwa ritunganijwe
Intara zashizwe mu burere bune, ubwo burere bakazoserukirwa n’abaririmvyi 4. Igiteramo ca nyuma kizoba kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017, kizohuriramwo abaririmvyi 16. Muri ico kiganiro, nta gashimwe k’amafaranga kavuzwe ko kazohabwa uwa mbere, naho gashobora kuba gategekanijwe. Icavuzwe n’uko umuririmvyi azoba uwa mbere azokwama akurikiranwa, yongera ashigikirwa na RTNB mu bikorwa vyiwe.
Tubamenyeshe kandi ko iryo higanwa rigiye kuzohora riba uko umwaka utashe. Ihiganwa nk’iryo ryaheruka kuba mu mwaka w’i1974.


Cherif NKESHIMANA