Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi b’Abarundi bagiye guhurira mw’ihiganwa ryateguwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi b’Abarundi bagiye guhurira mw’ihiganwa ryateguwe na (...)

Abaririmvyi b’Abarundi bagiye guhurira mw’ihiganwa ryateguwe na RTNB

mardi 13 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umuyobozi mukuru w’Insamirizi n’Imboneshakure vy’Igihugu (RTNB), yamenyesheje ko bagiye gusubira gufata mu mugongo abaririmvyi nk’uko vyahora bikorwa kera. Uko kubafata mu mugongo bizoca mw’ihiganwa ku civugo ”Uruhara rw’umuririmvyi mw’iterambere ry’igihugu”.

Abaririmvyi bo mu ntara zose bazokwiyandikisha mu makomine canke ku mirwa mikuru y’intara babamwo. Indirimbo zizoja mw’ihiganwa zizoba zirimwo ubutumwa bw’iterambere, agateka kazina muntu, amagara y’abantu hamwe n’ibidukikije. Nta ruririmbo rutari mu kirundi ruzokwemererwa guhiganwa kandi ururirimbo ruzoba ruri ku CD canke kuri Flash Disc. Abaririmvyi bari mu mirwi baremerewe guhiganwa.

Ibihangange mu muziki nka Big Fizzo, Natacha, hamwe n’umurwi Peace and Love baratowe kugira bazoserukire ico gikorwa. Abo nabo igikorwa cabo ni ico kuzoryosha ibiteramo vyo gutora abaririmvyi bozoserukira intara, hamwe no mu giteramo ca nyuma c’ihiganwa.

Uko ihiganwa ritunganijwe

Intara zashizwe mu burere bune, ubwo burere bakazoserukirwa n’abaririmvyi 4. Igiteramo ca nyuma kizoba kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017, kizohuriramwo abaririmvyi 16. Muri ico kiganiro, nta gashimwe k’amafaranga kavuzwe ko kazohabwa uwa mbere, naho gashobora kuba gategekanijwe. Icavuzwe n’uko umuririmvyi azoba uwa mbere azokwama akurikiranwa, yongera ashigikirwa na RTNB mu bikorwa vyiwe.

Tubamenyeshe kandi ko iryo higanwa rigiye kuzohora riba uko umwaka utashe. Ihiganwa nk’iryo ryaheruka kuba mu mwaka w’i1974.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.