Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Bamwe mu baririmvyi basubiye guterana amajambo hagati yabo
Bamwe mu baririmvyi basubiye guterana amajambo hagati yabo
samedi 15 Mukakaro 2017, par
Ivyo vyatanguye mu ruririmbo "Konzi" rwa Big Fizzo. Inyuma yarwo hari bamwe mu baririmvyi biyumvisemwo ko yabavuze. Aha tuvuga nk’umuririmvyi Akes Don. Inyuma yaho nawe yaciye asohora uririmbo ruvugwamwo Big Fizzo. Ku ruhande rw’abamenyeshamakuru, muri "Konzi" ya Fizzo, havugwamwo Ismaël Niyonkuru wo kuri Rema FM. Ivyo birumvikana mu ruririmbo aho amuvuga mw’izina, akangoreko ati : "Reka amanyanga kuko turi abahinga... mu vyambu ... mu vyambu, nitwahura ntuzompe yambu. Arongera ati :"Ndiyamirije ingingo mwihaye yo gucinyiza umuziki ndundi...kandi bibwirwa benshi bikumva benevyo..."
Akes Don ntiyatevye kwishura Fizzo mu ruririmbo yise "Agakino". Muri urwo ruririmbo aravugamwo amajambo afobetse ariko vyumvikana ko yoba yashatse kwishura Fizzo.
Si abo gusa. Lolilo ati :" natanzwe!" Nawe yaciye yihuta gusohora ururirimbo yise "Kofi". Mu mvugo idafobetse, nawe yashigikiye umumenyeshamakuru Ismaël Niyonkuru. Muri urwo ruririmbo, Lolilo amutera intege amubwira ko yobandanya ibikorwa,akamwipfuriza no gutera imbere.
Tubibutseko ivyo atari ubwa mbere, kuko vyari kuba ku ruririmbo "What’s my name" rwa Fizzo.
Imbere y’uko turonka umumenyeshamakuru Ismaël NIYONKURU agire ico abivugako, mwumvirize aho munsi izo ndirimbo uko ari zitatu.
"Konzi" ya Big FIZZO
"Kofi" ya Lolilo
Agakino" by Akes Don
Cherif NKESHIMANA
Messages
9 Munyonyo 2018, 17:35, par Nsenga Yesu Delicus
Nukuri Hari Hakwiye Ingingo Ngenderwako Kubaririmvyi Abagomba Gutyozanya Bakabiheba.Ahandiho Umuziki Wuburundi Bagomba Kuwutesha Agaciro Kandi Wari Mubiteza Imbere Igihugu.