Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
« Abaririmvyi n’abamenyeshamakuru dufitaniye ubucuti bunini »- Cédric (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > « Abaririmvyi n’abamenyeshamakuru dufitaniye ubucuti bunini »- Cédric (...)

« Abaririmvyi n’abamenyeshamakuru dufitaniye ubucuti bunini »- Cédric Bangi

mardi 16 janvier 2018

Cédric Bangi yamenyesheje ko intumbero y’urukino bakinye itari iyo guhiganwa ngo berekane uwusumvya uwundi gukina umupira w’amaguru, ariko ko intumbero ariyo gukomeza ubucuti n’umuvukano hagati y’abaririmvyi n’abamenyeshamakuru b’inkino.

Avuga ati « Turamaze kwubaka umuryango munini, kandi ukundana.Nkuko turi magiriranire muvyo dusanzwe dukora twese, izi nkino dutunganya ni kugira tugume twunze urunani, umuryango wacu ugume ukomeye. »

Cédric Bangi avuga kandi ko mw’ishirahamwe ryo kuguranana hagati y’abaririmvyi, bashaka ko abaririmvyi bose bogira uruhara, na cane cane abakiri bato, ari nayo mpamvu bahisemwo gukinisha abaririmvyi benshi bitwa ko ataho barashika.

Asigura ivyo vyakozwe mu ntumbero yo kubatera intege, kugira babone ko bakuru babo mu mwuga babitayeho.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.