IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi 6 bari baburiwe irengero muri Amerika boba bageze muri (...)

Abarundi 6 bari baburiwe irengero muri Amerika boba bageze muri Canada

vendredi 21 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo banyeshure b’abarundi bari baburiwe irengero i Washington kuva ku musi wa gatatu aho bari bitabiriye inkino za First Global Challenge. Bivugwa ko boba bajabutse baja mu gihugu ca Canada.

Amakuru ava mu gihugu ca Amerika amenyesha ko abo banyeshure babonetse ubwa nyuma ku musi wa kabiri, inyuma y’inkino, aho bivugwa ko kuri uwo munsi, babiri muribo bari bamaze kujabuka baja mu gihugu ca Canada.

Abahungu bane n’abakobwa babiri bafise imyaka iri hagati ya 16 na 18 baburiwe irengero igihe hariko haraba iryo higanwa rya mbere kw’isi ryariko rirabera i Washington.

Mwomenya ko kuva kuri uwu wa kane ariho igiporisi c’i Washington camanika ku rubuga rwa Twitter amafoto y’abo banyeshure batandatu baburiwe irengero, basaba abanyagihugu ko babakubise ijisho botanga amakuru ku giporisi. Abo barundi ubu bivugwa ko bageze muri Canada ni Don Ingabire, Kevin Sambukiza, Nice Munezero, Audry Mwamikazi, Richard Irakoze hamwe na Aristide Irambona.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.