Accueil > Amakuru > Rwanda > Abarundi 7 bari mu minwe y’igiporisi c’Urwanda
Abarundi 7 bari mu minwe y’igiporisi c’Urwanda
jeudi 15 Ruheshi 2017
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017, nk’igihe c’isaha icumi z’umugoroba ariho abarundi 13 bahagarikwa n’igiporisi c’Urwanda, ariko batandatu muri abo barashobora kurengana.
Ayo makuru nyene amenyesha ko indwi basigaye bagizwe n’abakenyezi 4 n’abana 3 bava muri komine Busoni, intara ya Kirundo, bahagaritswe, kandi bakibandanya kubazwa n’igiporisi c’Urwanda.
Ikambi y’impunzi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda yakiriye impunzi zirenga 30000 kuva hatanguye indyane za politike mu Burundi, mu mwaka wa 2015.
MUGISHA Van Naris
Messages
6 Mukakaro 2017, 10:09, par samuson
Abarundi benewacu nibatah twubake igihugu hakirikar