Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi baba muri Misiri na Sudani bahamagariwe kwiyandikisha mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abarundi baba muri Misiri na Sudani bahamagariwe kwiyandikisha mu (...)

Abarundi baba muri Misiri na Sudani bahamagariwe kwiyandikisha mu matora

mercredi 7 février 2018

Nkuko biri mw’itangazo ryateweko umukono n’uwuserukira Uburundi muri ivyo bihugu Selemani Mossi kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018, ico gikorwa kizobera ahakorera ubuserukizi ku murwa mukuru wa Misiri, kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika kurya 17 Ruhuhuma 2018.

Muri iryo tangazo, uwuserukira Uburundi avuga ko yisunze akamaro k’ico gikorwa co kwiyandikisha, ahamagararira abarundi baba mu gihugu ca Sudani na Misiri, kucitaba ari benshi.

Selemani MOSSI avuga kandi ko abarundi baba muri ivyo bihugu bavutse mu mwaka wa 2001 n’uwa 2002 bategerezwa kwiyandikisha, kugira bazokwitabe amatora yo mu mwaka wa 2020.

JPEG - 45.8 ko
Selemani MOSSI , aserukira Uburundi mu Misiri

Bitegekanijwe ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro azoba mu kwezi kwa gatanu, nk’uko amakuru ava mu murwi w’igihugu wigenga utegura amatora ubimenyesha.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.