IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Abarundi batatu ku munsi bajanwa mu rudandazwa rw’abantu"

"Abarundi batatu ku munsi bajanwa mu rudandazwa rw’abantu"

jeudi 24 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro, uko umwaka utashe, isi yose ihimbaza umunsi mpuzamakungu w’ikwibuka Abanyafrika batwawe nk’inyagano ku mugabane wa Amerika.

Mw’ishirahamwe ryiyemeje kurwanya urudandazwa rw’abantu, "Observatoire National pour la Lutte contre la Criminalité Transnationale : ONLCT Où est ton frère, bavuga mu biharuro bafise, Abarundi barenga 338 aribo bamaze gutwarwa mu rudandazwa rw’abantu kuja uwu mwaka w’2017 utanguye.

Prime MBURUBUKEYE atwara ishirahamwe rirwanya amabi ajanye n’urudandazwa rw’abantu, ONLCT Où est ton frère agira ati : "N’aho tugeze mu kinjana ca 21 ayo mahano aracariho ariko agakorwa hakoreshejwe ayandi mayeri asa n’ayakera."

Prime MBARUBUKEYE amenyesha ko abo barundi bajanwa kudandazwa mu bihugu vya Oman, Arabia Saoudite, Koweit, Australiya, Canada, Amerika n’ahandi. nk’uko bishikirizwa n’iryo shirahamwe, abo barundi bacishwa mu bihugu bibanyi vy’Uburundi.

"Kuva mu kwezi kwa mbere kw’uwu mwaka, gushika kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro 2017, abarundi barenga 338 baramaze kujanwa nk’inyagano kudandarizwa mu bihugu cane cane vy’abarubu. Muri abo, abashika 134 barafashwe basubizwa inyuma n’inzego zibijejwe. Abari babashoboye nabo bashika kuri 6 barafashwe bashikirizwa inzego z’ubutungane.

Iryo shirahamwe ONLCT Où est ton frère rihamagarira Reta y’Uburundi gutunganya neza ibijanye ukuja kurondera akazi hanze y’Uburundi hamwe n’ugushiraho amasezerano yubahiriza imico n’akaranga vya Afrika, ku bihugu vyo ku mugabane w’abarabu bironderera abakozi mu Burundi,


Egide NDUWIMANA

Messages

  • birababaje kubona igitigiri kinga’uko c’abarundi bacu bajanwa nk’inyagano twarikukiye .Abarundi n’abarundikazi ni tumenye ko kugurisha mugenzawe ngonuko uronse amaronko ar’icaha imbere y’imana kuko muri ivyo bihugu vyukuri abenshi usanga babakoresha ibikorwa vy’agacinyizo vyukuri abajejwe ivya PAF bohakanurira bakarwanya urwo rudandazwa rugayitse.

  • IVYOVYE NINGORANE ZARETA KUBA ABAGABO NABAGORE BAGENDA BABURA UKOBAGIRA UWUTWARA UYUMUSI YARIYE AMAHERA YARETA AKARYAMA AKAROTA AVYUKA ASHINGA AMATEGEKO YIYUMVIRIYE AKIBAZA KOBOSE BAHIRIWE NKUWUMWAKA HIRUKAYWE ABANGANIKI AHUBWO NIBABAREKE BIGIRE KWIRONDERERA UBUZIMA IVYUBURUNDI BIRAGOYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.