Accueil > Amakuru > u Burundi > "Abarundi bagiye kubona indemesho y’Imana" - Petero NKURUNZIZA
"Abarundi bagiye kubona indemesho y’Imana" - Petero NKURUNZIZA
mardi 14 Munyonyo 2017, par
Abategetsi batandukanye b’igihugu c’Uburundi, duhereye ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bitavye igisabisho c’ugusenga hamwe n’ugusangira icayi, igisabisho "Breakfast prayer" catunganijwe n’inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.
Ico gisabisho catunganijwe ku civugo : "Tugire ihinduka dukeneye kubona." Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abarongoye Uburundi mu nzego zitandukanye ko bogira ihinduka muvyo bakora, bahinduke babe abatanga iterambere, amahoro, urukundo, amahoro hamwe n’umunezero.
Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye abari aho ko ashima ko Uburundi buri mu mahoro n’umutekano mu mpande zose, ahamagarira Abarundi kubandanya kwisonzesha iminsi yose ya kane, nk’uko yabisavye mu gikorane giheruka kubera mu ntara ya Gitega.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabwiye abari aho ko muri uku kwezi kwezi, Abarundi bagiye kubona hamwe n’ukwakira indemesho y’Imana.
"Imana irakunda Uburundi cane, muve ngaha muremye kubw’aya masengesho y’uno munsi. Uku kwezi tugiye kwinjira mu bindi bintu bidasanzwe aho Abarundi bagiye kubona n’ukwakira indemesho y’Imana. Imana yo mw’ijuru niyo cabona.
Ico gisabisho kibaye ku ncuro ya cumi na kabiri, kikaba cabareye mu gisagara ca Bujumbura.
Egide NDUWIMANA
Messages
14 Munyonyo 2017, 17:26, par eric
is a big sign how Jesus is so strong to keep safe a president of a small country .They succeeded in lybia and irak but they failed in burundi
15 Munyonyo 2017, 09:56, par Mutama
Ndagukeje ga Mutama Petero, Terera iteka uburundi
15 Munyonyo 2017, 16:21, par Ejo
hahahahahaha Eric ntukantwenze? who failed and how? mukama wanje. qui n’a rien ne risque a rien. it can not even take a single day to retain burundi if necessary. none nawe ngo "hey succeeded in lybia and irak but they failed in burundi" hahahahaha ahwiiiiiiiii ndahwereye
17 Munyonyo 2017, 10:26, par ferdinand woharuguru
ivyo sivyo abarundi dukeneye ubu ntitwozindukira kurya no kunywa aho kuzindukira kumirimo.
1er Ruhuhuma 2018, 09:17, par Ndikumana Desire
Mutama wacu ugire iteka nitekane kwiteka rikomeye uriko uratera igihugu cacu c’Uburundi. I mana ikomeze kubazigama kuko I mana yama abayo nkamwe. Uburundi bwarogoroye kubera wewe.