Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi bose bahamagariwe kwigana akarorero k’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abarundi bose bahamagariwe kwigana akarorero k’umukuru w’igihugu

Abarundi bose bahamagariwe kwigana akarorero k’umukuru w’igihugu

mercredi 9 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 9 Myandagaro 2017, Therence NTAHIRAJA umwunganirizi w’umushikirangaji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko amatora ari imwe mu nkingi z’intwaro rusangi mu Burundi no mu bindi bihugu.

Therence NTAHIRAJA amenyesha ko kuva umukuru w’igihugu ashizeho ikigega co gutereramwo amatora ya 2020, abarundi batari bake bamaze kwitaba akamo, mu gutangura guterera.

JPEG - 79.8 ko
Therence NTAHIRAJA,umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Therence NTAHIRAJA avuga ko kuva abatanga imfashanyo bazihagaritse bikaba ngombwa ko abarundi bikora ku buryo bwabo kugira amatora yo mu mwaka wa 2015 abe, vyatumye umurwi utegura amatora CENI n’abandi banyeporitike basaba ko amatora ya 2020 yotegurwa hakoreshejwe uburyo buvuye mu barundi bonyene ubwabo kuko atawokwama azera inze.

Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu yasavye uw’ikigega ca Reta kworosha igikorwa co guterera

Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji ameyesha ko mu ntumbero yo kworosha ico gikorwa co guterera, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamaze kwandikira umushikiranganji w’ikigega ca Reta amusaba ko yofasha kugira hugururwe ayandi makonte afasha abanyagihugu guterera batarushe.

Ku kibazo co kumenya nimba abatazoronka uburyo bwo guterera amatora ya 2020 ata ngaruka biz0bagirako, umwunganirizi w’umushikiranganji yavuze ko ata ngaruka n’imwe kuko ata tegeko rihari rivuga amafaranga umuntu ategerezwa gutanga.

Therence NTAHIRAJA avuga ko yizeye ko abarundi bitanze bashobora gutanga uburyo amatora yose agahera kandi akaba neza ata nfashanyo ivuye mu makungu.

Kuwa mbere igenekerezo rya 7 Myandagaro 2017,umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA niho yaterera imiriyoni 5 z’amafaranga y’amarundi amatora ya 2020 abicishije mw’ibanki nkuru y’igihugu, igisata gikorera ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi.

JPEG - 46.1 ko
Petero NKURUNZIZA,umukuru w’igihugu c’Uburundi ariko araterera amatora ya 2020

Mw’ijambo yashikirije buca Uburundi buhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi bwikukiye, umukuru w’igihugu yasavye abarundi bose guterera amatora yo mu mwaka wa 2020, bacishije kuri konte nimero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Jewe nyoberwa n’ubwenge bwaba DD, Peter Nkurunziza ayo 5 Million atanze iyo ayagura Buruguri ko Kigoyi irembeje abanyagihugu

  • Ako n’agasema! Erega NKURU ayatanga kuko ayafise! Iy’aba azi akaga abanyagihugu barimwo ntaba ariko arayayata nkuko!

  • atanze make cane kuko niwe akeneye ayo matora we nabari muntwaro
    umukuru wigihugu 5000 000 000
    ministre 500 000 000
    depite 700 000 000
    kubandanya gushika kumukuruwumutumba twebwe tuzotanga amajwi

  • hariho abarundi batazi amatora ico amaze,ariko inda ndende bafise irabagaragaza muvyiyumviro vyabo.Akarorero ngo intererano umukuru wacu yatanze yogura mburuguri,je mbabajwe ningene abazungu baducinyiza bafatiye kuvyo baduha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.