Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwanyi 30 ba M23 binjiye mu Rwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abarwanyi 30 ba M23 binjiye mu Rwanda

Abarwanyi 30 ba M23 binjiye mu Rwanda

lundi 30 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’abasirikare 30 bavuga ko ari abarwanyi ba M23 binjiye ku butaka bw’Urwanda mu gatondo ko kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 29 Nzero 2017, mu gihe bariko bahunga abasirikare ba Congo (FARDC).

Abo barwanyi binjiriye ku mupaka uhuza Urwanda na Congo uri mu Karere ka Rubavu mu Murenge wa Bugeshi. Kugeza isaha cumi n’imwe z’umugoroba wo kuri uwu w’Imana, hari hamaze guharurwa abasirikare ba M23 bagera kuri 30 binjiye Urwanda.

Mw’itangazo ryasohowe n’igisirikare c’Urwanda, rigashikirizwa n’umuvugizi w’ico gisirikare, Lt Col Rene Ngendahimana, yavuze ko abo barwanyi batangaje ko bariko bahunga ingabo za Reta ya Congo Kinshasa (FARDC).

JPEG - 136.4 ko
Lt Col Rene Ngendahimana, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda

Iryo tangazo rivuga kandi ko abo barwanyi babonywe n’Umuryango mpuzamakungu witaho imbabare (Croix Rouge), ndetse muribo, abari bakeneye gufashwa muvy’ubuvuzi bakaba baciye babifashwa n’uwo muryango wa Croix Rouge, nk’uko biteganywa n’amategeko mpuzamakungu agenga ibikorwa vy’ubutabazi.

Abo barwanyi ba M23 binjiye ku butaka bw’Urwanda mu gihe hari haheze iminsi mike ikibazo c’ugutoroka kw’abarwanyi bahoze muri M23 gisubiriye kuvugwako vyinshi, kuva kw’igenekerezo rya 15 Nzero, aho Reta ya Congo yatangaza ko abarwanyi ba M23 bari mu buhungiro muri Uganda binjiye muri Kivu bitwaje inkoho.

Ariko rero, munyamabanga wa Reta ya Uganda ajejwe imigenderanire ya Uganda n’ayandi makungu, Okello Oryem, yavuze ko igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kiriko kirondera ivyitwazo ku bibazo kimaranye iminsi, ariko inyuma yaho gato biza kwemezwa n’Umuvugizi wa Reta ya Uganda, Ofwono Opondo, aho yemeje ko abarwanyi 101 ba M23 bafashwe basubiye muri Congo, 40 ariko baburirwa irengero.


IGIHE

Messages

  • Abonabo Kagame na Museveni, babaroze nabipe! Baragiye gupfabangara abandapfuye!

  • None ntibatashe iwabo. Murinda kubitumenyeshereza iki? Ubanyarwanda batashe mu gihugu cabo birakenewe ko bitangazwa? Ninde ayobewe ko ari aba FPR?

  • ICOGIHUGUKIBIKABASIBAMUGENZABO,AKOSAGASEMBWABARABENEZANTIBITERANYENAKONGO!

  • Kagame Agihumeka Ntamahoro Aka Karere Kazoronka .

  • Kagame Agihumeka Ntamahoro Aka Karere Kazoronka .

  • Acha Oh? Kagame Ewebworomurariwentakundikwakagamebayibay Gukirakumana

  • Haha! Abobanyarwanda baribagiye kwiba ubunzi kavukire bwabanyekongo bibaza ko Congo igisirikare caho kikineze nkakwakundi? Ndababwira mutavuye inyuma ya Congo mukaja kuronderera ayandi muzohavana inyonzo namba mutamaze kuyihavana.
    Kuko icomwibagiye kumenya nuko abasirikare ba Congo bahejeje guhabwa traing nabasirikare bu Burundi ijanye nukuntu abateye igihugu bajekwiba canke baje gukora amabiyariyoyose ukwo babahasha, imyitozo bayikoreye muri Congonyene,
    nizindinama bakomeza kwubgurana babicishije kumasimu.

  • Interahamwe je zirantangaza,les Rwandophones si Abanyarwanda nagato ni aba Congolais a 100%,mw’aba DD mwe mudedemba muvuga President w’u Rwanda ngo ibiki n’ibiki,Kabila na Kagame ni abagenzi cane, ntawotera uwundi,ikindi kandi Kagame yapanze gutera RDC canke u Burundi ntawomuhagarara imbere,vive le Rwanda

  • Yoooo!!! M23 irasubiriye gukubitwa gayemye!!!biraheze ivyayo ntabwo izongera gusotora Congo. Kagame natekereze rero.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.