Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwanyi ba Islamic State basabwe kuguma mu gisagara ca Mosul - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abarwanyi ba Islamic State basabwe kuguma mu gisagara ca Mosul

Abarwanyi ba Islamic State basabwe kuguma mu gisagara ca Mosul

jeudi 3 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuhari wa Islamic State washize ahabona ijwi uwo muhari uvuga ko ari iry’umukuru wawo, Abu Bakr al-Baghdadi. Mu gihe vyoba arivyo, bwoba bubaye ubutumwa bwa mbere bwiwe mu kiringo c’umwaka, kandi bwoba buje guhinyuza ibihuha vyavuga ko yapfuye. Ntawuzi aho uwo Baghdadi arongoye Islamic State ari gushika ubu.

Nk’uko tubikesha BBC, iryo jwi rihamagarira abanye Irak kugwanira igisagara ca Mosul, mu gutuza igisirikare ca Irak, kiriko kiragerageza kugikura mu minwe y’abagwanyi.

Urwandiko rwasohowe n’igisirikare ca Irake ruvuga ko barashe urukurikirane rw’imiduga rwari ruherekeje umukuru w’umugwi Islamic State, Abu Bakr al-Baghdadi.

JPEG - 39.8 ko
Umukuru w’umugwi Islamic State, Abu Bakr al-Baghdadi

Urwo rwandiko rwasohowe n’urwego rujejwe iperereza mu biro vy’ubushikiranji bw’intwaro yo hagati bwa Irake, ruvuga ko umukuru wa IS yaciye atwarwa mu wundi muduga, ariko uko amerewe ntibizwi. Urwo rwandiko ruvuga kandi ko igitero c’indege cakozwe kuri iyo miduga mu ntara ya Anbar, hari abayobozi ba IS cahitanye.

Harigeze kuvugwa amakuru y’iraswa canke urupfu rw’umukuru wa Islamic State mu gihe caheze, ariko ntiyigeze yemezwa.

Bamwe mu bategetsi bavuze ko yoba akiri kumwe n’abagwanyi biwe ba Islamic State mu gisagara ca Mosul.

Hagumye hakwiragizwa inkuru ko yapfuye mu myaka iheze, harimwo no mu mwaka uheze aho igisirikare ca Irak cavuga ko cagize igitero ku rukurikirane rw’imodoka yarimwo.

Abasirikare karuhariwe bariko barasugereza ico gisagara, bafashijwe n’ingabo z’aba Kurde Peshmerga, abagwanyi b’aba shiia hamwe n’imiryango y’abarabu b’aba Sunni.

Amnesty International yavuze ko hari ibimenyetso vyinshi vyemeza ko bamwe mu bagwanyi b’aba sunni bagize ibitero vyo kwihora ku bagabo n’abahungu bo muri ako karere babakeka ko bakorana n’abagwanyi ba Islamic State.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.