Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwaye indwara zo mu mutwe basaba ko ikibazo c’abaganga babakurikirana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abarwaye indwara zo mu mutwe basaba ko ikibazo c’abaganga babakurikirana (...)

Abarwaye indwara zo mu mutwe basaba ko ikibazo c’abaganga babakurikirana gitorerwa umuti

jeudi 22 février 2018

Babishikirije ku munsi wa kabiri, abaganga bakorera kwa Legentil bo muri sendika SINAPA bahagaritse akazi, aho basaba ko baronswa uturusho tw’umwaka wa 2017 hamwe n’amezi 3 y’umwaka wa 2016.

Umwe mu barwayi yavuganye n’ikinyamakuru IGIHE yavuze ko kubona abaganga barahagaritse akazi ari ikibazo ku barwayi,kuko bakenera gukurikiranwa ku munsi, ku munsi.

Uwundi murwayi yavuze ati :“Abaganga batari ku kazi hononekara vyinshi, abarwayi ntibaba bagikurikiranwa neza,ababijejwe babaronse ivyo basaba kugira abarwayi tworoherwe.

Adolphe NIYONGERE aserukira abaganga bahurikiye muri sendika SINAPA baho kwa Legentil amenyesha ko, badatahura igituma umuyobozi mukuru atabaronsa uturusho twabo mu gihe babifitiye uburenganzira kandi n’urwego nshingwantwaro rwo kuri ivyo bitaro rwaramubwiye ko yotanga ubwo burusho.

Adophe NIYONGERE avuga ko batazosubira ku mirimo ivyo basaba bitabonetse.
Twagerageje kuvugana n’umuyobozi mukuru w’ivyo bitaro ariko yatumenyesheje ko aza kuturondera agire ico ashikirije.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.