IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasenyeri Katorika b’Uburundi bagendeye impunzi z’Abarundi i Mahama mu (...)

Abasenyeri Katorika b’Uburundi bagendeye impunzi z’Abarundi i Mahama mu Rwanda

jeudi 9 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo murwi w’Abasenyeri wari urongowe na Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, umukuru w’inama nkuru y’Abepisikopi b’Uburundi, akaba n’Umwepisikopi wa Diyoseze nkuru ya Muyinga.

Musenyeri NTAHONDEREYE yemereye Abarundi bahungiye i Mahama ko Ekereziya Gaturika igiye gukora ibishoboka vyose, kugira amahoro agaruke mu Burundi, abo barundi bahunguke mu gihugu cabibarutse.

Uwo arongoye inama nkuru y’Abapisikopi b’Uburundi yabwiye izo mpunzi z’Abarundi ko Ekereziya gaturika ibazaniye n’ubutumwa bw’urukundo.

Muri urwo rugendo, abungere ba Ekereziya Katurika mu Burundi batanze imfashanyo ku bakenyezi, abageze muza bukuru, abagendana ubumuga hamwe n’abagendana indwara zidakira. Izo mfashanyo zigizwe n’ibitenge, ibirato hamwe n’ibikoresho vy’isuku.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Nibaze turazi ko muribo harimo n´iperereza rya nkurumbi,ubundi baje kwitemberera uretse ko
    in´impamvu yabo atawayisobanukirwa., ubwo ibyo barimo nibo babizi.
    Bibwirako impunzi ata makuru tubona uko ibintu bigenda biyoyoka, atamututsi agitera umutaru,
    aho urubyiruko rwirirwa ruhirwa bukware nimbonerakure.Ngaho baramaze nibitahire.

  • Ndakengurukiye abo ba Padiri kururwo rugendo bagiriye i Mahama,icoma nanje ngashika hiyo nkava mur’iki Gihugu c’abicanyi

  • ntaco nivyo biramaze, kuva urwimo rwatera mu burundi ngira nta mutegetsi w’igihugu c’uburndi yari yigera akandagiza ikirenge ngaho mu nkambi ya mahama. ko abategetsi ba ekleziya gatolika mu burundi biboneye amagorwa izo mpunzi zibayemo. sinzi ikizokurikira kuko umuntu wese avuye i burundi aja mu rwanda aca ahinduka umwansi, no kwicwa akicwa iyo asubiye i burundi, reka dutegereze .....

  • Baca umugani mu Kirundi ngo : Uja gukiza uguye muruzi, ategerezwa kuurugwamwo nawe ahandiho ntiyorokora uyo muntu: Abo Basenyeri bararanguye igikorwa ca Yezu-Christ, barabaye intumwa zigamburuka, nakare ngo Umushumba ntaruta Shebuja ahubwo akora ico atumwe. Nukubizira barahakwa kubizira ariko n’Umwami Yesu yazize kandi yiguze abantu. Yavuzu ati Humura n’ayez pas peur j’ai vaincu le monde. Yadusigaranye urukundo : aimez-vous les uns et les autres nico kizobaranga ko mur’abanje. Na Papa François aratanga akarorero kabereye umwungere nyawe, ntahumeka atambagira ahabereye amakuba hose, yamira, ahumuriza kandi atanga impanuro, tumusabire kandi tumushgiikire mungendo n’ingiro ziranga abana b’Imana, twese turi ingenzi kur’iyisi, twotegerezwa kubana mu mahoro. Ubuntu bw’Umwami wacu Yezu, Urukundo rw’Imana Data wa Twese n’Ubumwe bwa Mutima Mweranda bihorane natwe twese. Amen

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.