Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Abashingamateka ba EALA ntibarahiye nk’uko vyari bitegekanijwe
Abashingamateka ba EALA ntibarahiye nk’uko vyari bitegekanijwe
mardi 6 Ruheshi 2017
Amakuru ava mu begereye inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko amanyesha ko icatumye abashingamateka batarahira ari uko gushika kuri uno wa mbere, igihugu ca Kenya kitari bwarungike abashingamateka bagiserukira.
Umukuru w’Inama Nshingamateka ihejeje ikiringo, Daniel Fred Kidega yavuze ko umukuru w’igihugu ca Kenya yasiguye avuga ko inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko atari umurwi w’igihugu ariko ari umuryango, ari naco gituma bategerezwa kurindira abashingamateka barungitswe na Kenya.
Ayandi makuru ava mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko hari intambamyi ijanye n’ingene abashingamateka bava mu gihugu ca Sudani yo mu Bumanuko bagiye muri EALA bagenwe kandi bisabwa ko batorwa n’inama nshingamateka y’igihugu.
Mu gihe abashingamateka 45 aribo bahora bakorana mu nama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, kuva muri iki kiringo hazokorana 54 kuko hiyongereyeko abashingamateka 9 bava mu gihugu ca Sudani y’Ubumanuko giheruka kwemererwa kwinjira mw’ishirahamwe ry’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko.
MUGISHA Van Naris