Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashoye ikawa bagiye gutangura guhembwa kuva kw’igenekerezo rya 1 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Abashoye ikawa bagiye gutangura guhembwa kuva kw’igenekerezo rya 1 (...)

Abashoye ikawa bagiye gutangura guhembwa kuva kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi

jeudi 31 mai 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Rusama 2018, Joseph NTIRABAMPA arongoye CNAC-Murima w’Isangi, yamenyesheje ko ikiro c’ikawa kizogurwa amafaranga amajana atanu y’amarundi kandi ko atan’umwe atagerezwa kuja munsi yayo.

Joseph NTIRABAMPA, arongoye Ihuriro ry’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa, amenyesha ko hari amashirahamwe abiri agura ikawa yamaze kwemera ko azotanga amafaranga 600 y’amarundi ku kiro c’ikawa.

Umukuru w’ishirahamwe CNAC-Muruma Rusangi amenyesha ko, ikiringo ca kabiri co guhemba kizoba mu mpera z’ukwezi kw’umunani, kuko abagiye guhembwa kuva kw’igenekerezo rya mbere Ruheshi, ari abashoye kuva mu ntango z’umwaka gushika kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2018.

Joseph NTIRABAMPA, agashima ko umwimbu bari biteze atariwo wabonetse ahubwo habonetse mwinshi, kuko gushika ubu, umwimbu ugeze ku bice 75 kw’ijana.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.