Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasirikare 850 bagiye mu gihugu ca Centrafrique - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abasirikare 850 bagiye mu gihugu ca Centrafrique

Abasirikare 850 bagiye mu gihugu ca Centrafrique

dimanche 22 Nzero 2017

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 21 Nzero 2017,abasirikare b’abarundi 850 barafashe indege bagana igihugu ca Repulika ya Cantre Afrika mu gikorwa co kugarukana amahoro. Lieutenant colonel Jean Baptiste NDAYIZEYE niwe yagiye arongoye abo basirikare.

Colonel Gaspard BARATUZA umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko abo basirikare bagiye ku muce wa gatatu kugombora abo mu muce wa kabiri,bagizwe n’abagabo hamwe n’abakenyezi babiri.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko Uburundi bwisunze kandi bushira mu ngiro ibiri mu masezerano ari hagati y’igihugu kirungika abasirikare arico Uburundi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,igisata gikorera mu gihugu ca Centre Afrika.

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko abasirikare basubirira abandi inyuma y’umwaka ariko bakaba bagiye harenzeko amezi atandatu,Gaspard BARATUZA amenyesha ko ukwo gucererwa kwavuye kumvo z’ubuhinga hamwe n’imvo z’umutekano wibonekeza mu gihugu ca Centre Afrika.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.