Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare ba AMISOM bagirijwe ubwicanyi bw’abanyagihugu 11
Abasirikare ba AMISOM bagirijwe ubwicanyi bw’abanyagihugu 11
mercredi 21 Kigarama 2016, par
Imodoka yo mu bwoko bwa "blindé" y’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika yoba yasetse inzu yica umugore n’abana biwe batanu mu bumanuko bw’ikivuko ca Marka, haraheze iminsi itatu. Amakuru ava muri Somaliya avuga ko ivyo vyabaye inyuma y’igisasu catewe imodoka y’ubumwe bwa Afrika.
Imbere y’aho, abasirikare barashe imodoka yo mu bwoko bwa "Bus" yunguruza abantu, bica abantu batandatu bari muri iyo modoka.
Mu gitero ca mbere, umunyagihugu yabibonye yavuze ko abasirikare buguruye umuriro kuri iyo modoka yunguruza abantu, hapfa abantu batandatu bari muriyo mu gisagara ca Qoryooley mu ntara ya Lower Shabelle.
Ubuyobozi bwa Amisom bwamenyesheje ko bwababajwe n’ivyabaye i Qoryooley aho igitero cahitanye ubuzima bw’abanyagihugu.
Amisom ibandanya ivuga ko yatanguye gutohoza ibirego vyegekwa ku nteko zayo, yegeranya n’ayandi makuru, imbere yuko isohora itangazo rikwiye.
IGIHE
Messages
24 Kigarama 2016, 11:01, par Ntakirutimana Joel
Abo nibabasoda bankurunziza bamenyeye kunwa amaraso yabantu babagandaguye ntabandi.
25 Kigarama 2016, 10:34, par SINDAYIHEBURA
IYO NKURU IRATEYE AGAHINDA,TUFATANIJE UMUBABARO N,UMURYANGO WABUZE,BASIRIKARE NA MWE TURABATEYE INTEGE MUKOMERE KU KAZI MWAGIYE KURANGURA,NOEL NZIZA.
25 Kigarama 2016, 10:35, par SINDAYIHEBURA
IYO NKURU IRATEYE AGAHINDA,TUFATANIJE UMUBABARO N,UMURYANGO WABUZE,BASIRIKARE NA MWE TURABATEYE INTEGE MUKOMERE KU KAZI MWAGIYE KURANGURA,NOEL NZIZA.