Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abasirikare bagirizwa igitero kw’ikambi ya Mukoni basavye ko ababatwara (...)
Abasirikare bagirizwa igitero kw’ikambi ya Mukoni basavye ko ababatwara botumwako mu butungane
mercredi 7 Ruheshi 2017
Uko ari indwi, umucamanza yabagirije bose kuba baragiye mu nama zo gutegura igitero zabereye mu ntara ya Gitega n’igisagara ca Bujumbura, ariko bose barabihakana bavuga ko ico gihe bari aho bari basanzwe bakorera akazi ka minsi yose.
Abagirizwa bavuze ko ata kintu na kimwe bashobora gukora kandi batashobora gusohoka amakambi bakoreramwo badahawe amategeko canke ngo babe bafise uruhusha bahawe n’ababakurira mu kazi.
Bitegekanijwe ko bazosubira kwumvirizwa kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi 2017, ariko basavye ko kuri uwo munsi n’abatwara amakambi bakoreramwo ariho boba bari, kugira bababere ivyabona.
Igitero kw’ikambi yo ku Mukoni cabaye kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2017.
MUGISHA Van Naris