Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare n’abaporisi 18 bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi
Abasirikare n’abaporisi 18 bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi
mardi 18 Gitugutu 2016, par
Sentare nkuru ya Komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura iheruka gufata ingingo y’ukugumiza mu munyororo abaporisi hamwe n’abasirikare cumi n’umunani bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, uguhungabanya umutekano w’igihugu, ugutunga ibirwanisho badafitiye uruhusha, hamwe n’ugukorana n’imirwi ihungabanya umutekano w’igihugu.
Bose bafashwe kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga 2016, bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi, bakaba bafatiwe ingingo y’ukubandanya baburana bapfunzwe, ariko bakaba bashobora kwunguruza mu kiringo kitarenga amasaha 48. Ab bapfunzwe ni umurwi wa kabiri wagirizwa icaha c’ugushaka gutembagaza ubutegetsi, aho akaba ari mu gihe umurwi wa mbere w’abagirizwa ico caha nyene, barongowe na General Major Cyrille NDAYIRUKIYE, bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bafashwe bagizwe n’ibisongerezi (Sous-officiers) hamwe n’abasirikare bato (Hommes de troupe), ababikurikiranira hafi bagatangazwa n’ingene abasirikare batarimwo intwazangabo n’imwe botegura uguhirika ubutegetsi, mu gihe n’aba "Generaux" vyabananiye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi c’Uburundi, abo basirikare n’abaporisi bari mu murwi umwe n’umusirikare Adjudant Eddy Claude NYONGERA aheruka gupfira mw’igendereza ry’Uburundi, mu buryo bwatangaje benshi, ariko OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akaba yamenyesheje ko uwo musirikare yiyahuye.
Abo basirikare n’abaporisi bapfunzwe bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA ni :
1. Albet Kitaburaza (Adjudant-Major)
2. Anicet Bigirimana (BPC2)
3. Thadée Gahungu (Adjudant)
4. Ferdinand Masabo (Adjudant)
5. Innocent Girukwigomba (BPP1)
6. Claver Ndayizeye (OPP1)
7. Hérménegilde Ngiriyabandi (Adjudant)
8. François Ngendakumana (Adjudant)
9. Célestin Nsabimana (Caporal-chef)
10. Pascal Nshimirimana (Caporal-chef)
11. Eric Manirakiza (APC)
12. Révérien Mayoya (APC)
13. Félix Nyandwi (APC)
14. Basile Ndikuriyo (APC)
15. Christophe Ciza (APN)
16. Pontien Ndayikunda (APN)
17. Adronis Nduwayo (Adjudant)
18. Jean de Dieu Nduwumwami (Adjudant)
IGIHE
Messages
18 Gitugutu 2016, 17:19, par barikukivi
NONEKO MBONA ABAZUNGU BATICAYE HAMWE BOBUTEMBAGAZA MWOKWITWARAHE KOMWARAYE WISAMBURIYEKO CANKEMWOPFUNGA BANDE?
19 Gitugutu 2016, 09:36, par nsaguye andré
nibabanyare kukobashakakudusubizamwihumbi.ingendonkiyotwarayisezereye.nkabobaribakwiyekubanyonga.
21 Gitugutu 2016, 07:26, par Morodikayi Jon
Imani rabaona, burya siko bizohora birahinduka.