IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatowe mu Mizero y’Abarundi basaba Reta kudahungabanya ibikorwa vy’Urunani (...)

Abatowe mu Mizero y’Abarundi basaba Reta kudahungabanya ibikorwa vy’Urunani mu matora

mercredi 16 mai 2018

Mw’itangazo, abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ryo kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Rusama 2018, ryateweko umukono n’umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA arongoye umurwi w’abo bashingamateka, bamenyesha ko bakiranye umubabaro , ihonyangwa ry’itegeko ry’umukuru w’igihugu rigenga imyiyamamazo, aho ryahonyanzwe abajejwe intwaro, umutekano n’ubutungane barorera kandi aribo bari bajejwe kurihagararira.

Muri iryo tangazo, abo bashingamateka bavuga ko batangajwe no kubona haba ihonyangwa ry’amategeko gushika naho, umuntu azwi kw’izina rya Reverien NIMENYA yahoze avugira umukuru w’umugambwe FNL wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yemererwa kugira ikiganiro ku bamenyeshamakuru, kandi atana hamwe yanditswe mu murwi utegura amatora CENI.

Abo bashingamateka, bavuga kandi ko, mu gihe c’imyiyamamazo abanywanyi b’Urunani Amizwero y’Abarundi bahohotewe, bamwe barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, abandi barapfungwa, gushika mbere n’aho hari aho babujijwe kugira imyiyamamazo kandi babirekurirwa n’amategeko.

JPEG - 32.3 ko
Abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi

Abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, bamenyesha ko kuva imyiyamamazo itangura gushika kw’igenekerezo rya 15 Rusama 2018, abanywanyi b’Urunani 59 bahagaritswe baranapfungwa hadakurikijwe amategeko, 70 nabo barakubitwa mu ntara za Gitega, Mwaro, Cibitoke, Bujumbura Rural, Bururi, Makamba, Ruyigi, Cankuzo, Rumonge n’igisagara ca Bujumbura, gushika naho mbere hari uwitavye Imana mu ntara ya Kirundo.

Abo bashingamateka bavuga kandi ko kutabaye uguhagarikwa no gukubitwa ku banywanyi gusa, ariko ko n’imyiyamamazo yahungabanijwe mu Gakungwe, Kirombwe na Mutambu, mu ntara ya Bujumbura Rural.

’’Umurwi CENI utegerezwa gukora ataho uhengamiye’’

Muri iryo tangazo, abo bashingamateka bamenyesha ko bateye ivyatsi, iterabwoba rikorerwa abanywanyi b’Urunani rw’Abigenda Amizero y’Abarundi, gushika naho babwirwa ko bashobora kwicwa, bikaba vyagaragariye ku butumwa bwatanzwe ku materefone n’ingendo urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD rwakora ku ngo z’abanywanyi b’Urunani bababuza kuja mu myiyamamazo.

Abo bashingamateka basaba umurwi utegura amatora CENI kugira ico ukoze ku makosa aboneka yabaye, ureka kandi guca hirya ivyo ujejwe, wibuke kandi ko utegerezwa gukora mu bwigenge ataho uhengamiye.

JPEG - 33.7 ko
Pierre Célestin NDIKUMANA, umukuru w’umurwi w’abashingamateka batowe mu Mizero y’Abarundi

Basaba amakungu kuba icabona mu gihe amasanamu yafashwe na bamwe mu bajejwe umutekano n’urwaruka rw’umugambwe mu myiyamamazo yokoreshwa mu gukorera amabi abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.

Abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bahamagarira abarundi bose muri rusangi n’abanywanyi b’urunani vy’umwihariko kwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, bagendere kandi ku mategeko agenga Urunani.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.