Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatoye ikibazo c’ukwinjira mu giporisi c’Uburundi batumweko
Abatoye ikibazo c’ukwinjira mu giporisi c’Uburundi batumweko
jeudi 2 Ruhuhuma 2017, par
Urwaruka ruheruka gutora ikibazo c’ukwinjira mu gisata c’abaporisi basanzwe (Agents) rwahamagariwe ko rwoba rwashitse ku mashure ahuye n’intara bavamwo, aho akazoba ari kuri uwu munsi w’Imana igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2017, igihe c’isaha cumi z’umuhingamo.
Itangazo ubushikiranganji bw’umutekano bwasohoye rimenyesha ko abo batoye ikibazo bazokwakirwa uku gukurikira :
Kw’ishure ry’i Buganda mu ntara ya Cibitoke hazohurira abava mu ntara za Cibitoke, Bubanza, Muramvya, Bujumbura Mairie, Bujumbura rural hamwe na Rumonge.
Kw’ishure ry’i Bururi, ku murwa mukuru w’intara ya Bururihazohurira abava mu ntara za Bururi, Ruyigi, Rutana, Makamba, Mwaro hamwe na Gitega.
Kw’ishure ry’i Ngozi, ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, hazohurira abava mu ntara za Ngozi, Kayanza, Kirundo, Karuzi, Cankuzo hamwe na Muyinga.
IGIHE
Messages
2 Ruhuhuma 2017, 20:22, par Nkundimana Gerard
Komera Komera Batama Munagure Igihugu Cacu
3 Ruhuhuma 2017, 17:22, par NDAYISHIMIYE Abraham
NATWE TURI INYUMA