Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatwa n’abarundi muri rusangi bahamagarirwa kwitaba amatora y’ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatwa n’abarundi muri rusangi bahamagarirwa kwitaba amatora y’ibwirizwa (...)

Abatwa n’abarundi muri rusangi bahamagarirwa kwitaba amatora y’ibwirizwa nshingiro

mercredi 21 mars 2018

Umushingamateka Vincent SUKUNOBA avuga ko umunsi wo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ari umunsi utanga uburenganzira bwo gushikiriza umwe wese ubwigenge bwiwe.

Uwo mushingamateka aserukira abandi mu nama nshingamateka y’Uburundi, amenyesha ko we n’abatwa bagenzi we , bazokwitaba ayo matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Ku banyeporitike bamwe bamwe bavuga ko habaye ukwihuta mu gutunganya amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, umushingamateka Vincent SUKUNOBA asigura ko, ivyo vyamyeho, kandi ko ata gihe na kimwe abantu bazokwigera babona ibintu co kimwe.

JPEG - 173.2 ko
Hon SUKUNOBA Vincent, arongoye umurwi w’abashingamateka b’abatwa

Kuri abo bamaze kwerekana ko hatari bwagere ko hatunganywa amatora, umushingamateka Vincent SUKUNOBA, avuga ko ari uburenganzira bwabo, gushikiriza ivyiyumviro vyabo.

Itegeko rihamagarira abarundi kuzokwitaba amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha azoba kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA , kuw’Imana igenekerezo rya 18 Ntwarante 2018.

Iryo tegeko, rivuga ko imigambwe canke inani z’imigambwe yipfuza kwigisha abanywanyi bayo ibijanye n’itorwa ry’iryo bwirizwa shingiro isaba kwiyandikisha mu murwi ujejwe gutegura amatora, kuva kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante gushika kurya 6 Ndamukiza 2018,iryo tegeko rivuga ariko abarekuriwe kwiyandikisha ari abakwije ibisabwa n’amategeko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.