Accueil > Amakuru > Poritike > Abayoboke babiri ba Rwasa Agathon bungururijwe mw’ibohero rikuru rya (...)
Abayoboke babiri ba Rwasa Agathon bungururijwe mw’ibohero rikuru rya Gitega
jeudi 27 Gitugutu 2016, par
Abayoboke babiri ba Rwasa Agathon bungururijwe mw’ibohero rikuru rya Gitega, abo nabo akaba ari Edouard NZAMBIMANA, umukukuruke w’intwazangabo yo kw’ipete rya Colonel, hamwe na Ladislas SABOKWIGURA. Bompi bagirizwa uguhungabanya umutekano, hamwe n’ukurondera abaja mu mirwi irwana.
Abo bayoboke babiri ba Rwasa Agathon bari barengutse mu butungane kuri uwu wa gatatu, ari naho ingingo y’ukubungururiza mw’ibohero rikuru rya Gitega yafatiwe.
Abanywanyi ba FNL iyoboka umushingamateka Rwasa Agathon mu ntara ya Gitega bamenyesha ko abo bari mu munyororo bariko bahorwa ivyiyumviro vyabo vya poritike, bagasabwa ko borekurwa.
IGIHE
Messages
27 Gitugutu 2016, 10:05, par tari
Abantu biwe Bari kubona amahano nawe arigusomera ivyo ntaco bimubwiye nikazima ariko akuramwo idyiwe
27 Gitugutu 2016, 12:17, par WAKANA
BARIBESHA UYUMUGABONAHEBE TWIGIRE MWIPORI
28 Gitugutu 2016, 08:58, par morodikayi.
Rwasa yarahemutse kabisa,abiwe bose bazoruhuka babamumariyeko bose, Nkwa nkurunziza murahabarirwa! niwe mwicanyi wakabiri kwisi dufise. noneho sivyimbeshere nimwibuke kuva Nkurunziza akiri mwishamba arinze yumva uwitwa umu FNL bariruka nibirenge bigashuha, ubunaho koyifitiye uburenganzira bwokwica atawumukoma azobagezahe?,RWASA indandende ihumirirya.
12 Munyonyo 2016, 14:56, par Remember Karorero
Remember
12 Munyonyo 2016, 15:04, par Remember Karorero
Reka Kumarana Murubwoko Bumwe. None Mumaze Abanye Politi.. Igihugu Kizo Sigarana Bande. Iyo UMUGANWA RUDOVIKO RWAGA SORE NA NDADAYE BA TA BICA, UBURUNDI BUBA BUMEZE GUTE? IVYIYUMVIRO VYUMUNTU SIVYO VYO TUMA YICWA !CANKE AFUNGWA . KARA CIYE INGANI UMUNTU ABE IKIRAGI NTAVUGE? MUZOCA MUTWARA BANDE BOSE MU BAMAZE !
12 Kigarama 2016, 19:59, par Mupara
ntakund rwasa arkwiy kubona ko agkundwa!Yarahemuce!
12 Kigarama 2016, 21:32, par harerimana
baribashigikiyeabarimwibarabarabategerezwakuwukora