Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abayobozi b’Uburimyi n’Ubworozi mu ntara basabwa gutanga amakuru akwiye ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Abayobozi b’Uburimyi n’Ubworozi mu ntara basabwa gutanga amakuru akwiye ku (...)

Abayobozi b’Uburimyi n’Ubworozi mu ntara basabwa gutanga amakuru akwiye ku barimyi

jeudi 21 Nyakanga 2017

Umuyobozi w’igisata kijejwe amazi n’ihindagurika ry’ikirere mu kigo IGEBU Aloys RURANTIJE amenyesha ko atawokwemeza ko imvura yamaze gutasura neza, kuko bitegekanijwe ko izotasura hagati y’impera z’ukwezi kwa Nyakanga n’intango y’ukwezi kwa Gitugutu.

Aloys RURANTIJE avuga ko muri rusangi imvura ihari ariko igomba kuba nkeya mu bice bimwe bimwe vy’igihugu,agasaba ko abarimyi boba barategura imbuto n’aho bazozitera, mu kurindira ko imvura igwa neza.

JPEG - 90 ko
Aloys RURANTIJE,Umuyobozi w’amazi n’ihindagurika ry’ibihe mu kigo IGEBU

Umuyobozi ajejwe amazi n’ihindagurika ry’ikirere mu kigo IGEBU arasigura igituma abarimyi batoca batangura gutera kubera babonye imvura yatanguye kugwa mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Aloys RURANTIJE avuga ati:’’Turacagenzura ntawokwemeza ko imvura izoba nkeya.Abarimyi boba barategura imbuto n’ubusize, ariko igikorwa co gutera kikaba mu nyuma mu kurindira ko imvura igwa neza.’’

Umuhinga ategekanya ihindagurika ry’ibihe Aaron NTIRANYIBAGIRA amenyesha ko imvura yamaze kugwa itari mu kiringo c’agatasi kuko imvura yotuma abarimyi batera imbuto izogwa hagati y’igenekerezo rya 30 Nyakanga na 15 Gitugutu 2017.

JPEG - 90.2 ko
Aaron NTIRANYIBAGIRA,akurikirana ihindagurika ry’ibihe

Aaron NTIRANYIBAGIRA arasigura uko imvura izogwa mu kiringo c’agatasi:’’Imvura irahari mu gihugu cose ariko igomba kuba nkeya. Mu ntara z’Ubuseruko, Rutana,Ruyigi,Cankuzo,Makamba,Muyinga,Kirundo,Karusi n’igice c’intara ya Gitega imvura izosumba uko yahora.’’

Yongeye asigura ati: ‘’Mu ntara kama ya Kirimiro, Mugamba, intara za Muramvya, Mwaro, n’igice c’intara ya Kayanza hazogwa imvura ikwiye ariko izoza iragabanuka buke buke. Mu ntara z’imbo , Bubanza,Bujumbura na Rumonge imvura izoba nkeya.’’

Mwomenya ko mu vyigwa vyakozwe habonetse ko mu kiringo c’agatasi co kuva mu kwezi kwa Nyakanga gushika muri Kigarama imvura izogwa ari nkeya bagereranije n’iyahora igwa muri ico kiringo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.