Accueil > Amakuru > Amashuri > Abayobozi b’amashure basabwe gutanguza ivyigwa ku munsi wa mbere
Abayobozi b’amashure basabwe gutanguza ivyigwa ku munsi wa mbere
mercredi 6 Nyakanga 2017, par
Mu bushikiranganji bw’indero bamenyesha abanyeshure bo mu mwaka w’icenda bakoze ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro hamwe n’abo mu mwaka w’icumi basubiriyemwo ico kibazo, ko bose bagiye kumenyeshwa vuba ibisata babashizemwo, bakabasaba ko bokwubahiriza ivyo bazoba bahawe, ntibarondere guhinduza.
- Juma Edouard, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero
Ubushikiranganji bw’indero busaba kandi abayobozi b’amashure gukora ibishoboka vyose kugira uwo munsi wa mbere ivyigwa bizotangure gutangwa. Abigisha nabo bahamagarirwa kuba bashitse ku mirimo yabo igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu kugira ivyigwa bitangure.
Abanyeshure bo mu ndaro basabwe gushika kw’ishure ku munsi w’Imana igenekerezo rya 10 Nyakanga, bakazotangura kubakira mu ndaro kuva isaha icenda z’umuhingamo.
Egide NDUWIMANA