Accueil > Amakuru > Amashuri > Abazokurikirana amashure y’imyuga batumweko kwiyandikisha
Abazokurikirana amashure y’imyuga batumweko kwiyandikisha
mardi 11 Gitugutu 2016, par
Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bwatumyeko abanyeshure hamwe n’abandi bose bipfuza gukurikirana inyigisho z’imyuga kuja kwiyandikisha kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Gitugutu 2016 gushika kurya 20 Gitugutu.
Iryo yandikwa rizobera mu bigo vya Reta canke vyigenga vyigishirizwamwo imyuga, ku minsi yose y’akazi kuva isaha zibiri z’agatondo, gushika isaha icenda z’umuhingamo.
Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye, bamenyesheje ko ayo mashure y’imyuga azokwakira abavyipfuza bose, batamenye ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ukubandanya mu gice ca kabiri c’amashure shingiro. Ayo mashure azokwakira kandi abayobewe mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye mu myaka iheze.
Uwukeneye kwiyandikisha yibangikanya "Bulletin" yo kw’ishure yahora yigako, kwandikwa akaba ari ku buntu.
Abazoba biyandikishije bakaba bazobwirwa hanyuma igenekerezo ry’ugutangurirako inyigisho.
IGIHE
Messages
11 Gitugutu 2016, 21:03, par Nsengiyumva Alexandre
Non Ko Hagez Ko Ayomashur Y’imyuga Atangira Jew Ikibazo Nar Mfise N’uko Hariho Hamwehamwe Amashure Ataruzura Canke Naho Ugasanga N’abo Y’uzuye Muga Ugasanga Ari Kure Nko Muntara Ugasanga Har Nk’ishur Rimwe Jew Ndumva Ko Ari Ikibazo Kubanyeshur Bazokwiga Ayomashure Y’imyuga.
11 Gitugutu 2016, 21:11, par Nsengiyumva Alexandre
Jew Ikibazo Mfite N’uko Hariho Hamwe Hamwe Amashure Ataruzura Canke Naho Ugasanga Ayo Mashure Y’imyuga Ari Kure Na Kure None Muvyumva Gute Gabatama?
11 Gitugutu 2016, 21:15, par Nsengiyumva Alexandre
Jew Ikibazo Mfite N’uko Hariho Hamwe Hamwe Amashure Ataruzura Canke Naho Ugasanga Ayo Mashure Y’imyuga Ari Kure Na Kure None Muvyumva Gute Gabatama?
16 Munyonyo 2016, 20:24, par charles hakizimana
ico ciyumviro niciza kuko umwuga urakiza!ikibi nukwiga umwuga wubugizi bwanabi!Ndi muri tanzania lakini ndi umurundi
3 Kigarama 2016, 03:38, par JOZEFU
NITEKA NTANGERE
3 Kigarama 2016, 03:58, par JOZEFU
BIRIMUNTARA ZOSE?