IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abazosubiramwo ikibazo ca Reta ’’Examen d’Etat’’ bagiye kurihishwa ibihumbi (...)

Abazosubiramwo ikibazo ca Reta ’’Examen d’Etat’’ bagiye kurihishwa ibihumbi 50

mercredi 13 décembre 2017

Nk’uko biri mw’itangazo umushikiranganji ajejwe indero, inyigisho za kaminuza hamwe n’ubushakashatsi yashikirije kw’igenekerezo rya 4 kigarama 2017, Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko iyo ngingo yafashwe kuko abanyeshure benshi bahora biyandikisha kugira basubiremwo ico kibazo bataja kugikora bigatuma Reta ihahombera mu gihe buri mwaka uburyo Reta ikoresha buguma bwiyongera.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha kandi ko umunyeshure azotanga ayo mafaranga mu kigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amakori n’amatagasi OBR .

Bitegekanijwe ko uwuzoba yipfuza gusubiramwo ico kibazo azokwiyandikisha kw’ishure yaronkeyeko urupapuro rw’umutsindo, yitwaje urupapuro rwerekana ko yarishe ayo mafaranga rwatanzwe n’ikigo OBR.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.