Accueil > Amakuru > Amashuri > Abazosubiramwo ikibazo ca Reta ’’Examen d’Etat’’ bagiye kurihishwa ibihumbi (...)
Abazosubiramwo ikibazo ca Reta ’’Examen d’Etat’’ bagiye kurihishwa ibihumbi 50
mercredi 13 décembre 2017
Nk’uko biri mw’itangazo umushikiranganji ajejwe indero, inyigisho za kaminuza hamwe n’ubushakashatsi yashikirije kw’igenekerezo rya 4 kigarama 2017, Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko iyo ngingo yafashwe kuko abanyeshure benshi bahora biyandikisha kugira basubiremwo ico kibazo bataja kugikora bigatuma Reta ihahombera mu gihe buri mwaka uburyo Reta ikoresha buguma bwiyongera.
Ubwo bushikiranganji bumenyesha kandi ko umunyeshure azotanga ayo mafaranga mu kigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amakori n’amatagasi OBR .
Bitegekanijwe ko uwuzoba yipfuza gusubiramwo ico kibazo azokwiyandikisha kw’ishure yaronkeyeko urupapuro rw’umutsindo, yitwaje urupapuro rwerekana ko yarishe ayo mafaranga rwatanzwe n’ikigo OBR.
Vianney BIKORIMANA