Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abitavye ihayanishwa gurishwa’’Made in Burundi’’ basaba ko irikurikira ryobera (...)
Abitavye ihayanishwa gurishwa’’Made in Burundi’’ basaba ko irikurikira ryobera mu kindi kibanza
mercredi 5 Mukakaro 2017
Abitavye ihayanishwa gurisha bavuga ko kuva ritanguye bashima uko umutekano ucungerewe ariko ko abantu baza ari bake,ibidandazwa navyo bitagurwa nk’uko bari bavyiteze.
Desire NDUWIMANA yazanye ibihingurwa na koperative ifashwe mu mugongo n’ishirahamwe ADISCO avuga ko ahariko habera ihayanishwa gurishwa hatagenderwa n’abantu benshi.
- Desire NDUWIMANA,yitavye ihayanishwa
Avuga ko ku ruhande rwiwe yibaza ko imvo ibituma aruko,ikibanza kiri kure y’ahakorerwa ubuzi mu bisata bitandukanye,kuko abakorera muri ivyo bisata aribo bategerezwa gushika muri ico kibanza kugura ivyahinguwe n’abarundi.
Abitavye ihayanishwa gurishwa ryitiriwe ‘’Made in Burundi’’ basaba ko irindi ryotunganywa rybera mu kindi kibanza, na cane cane icegereye ahakorerwa imirimo itandukanye, kugira barnke abaza kubagurira.
Ihayanishwa gurishwa ‘’Made in Burundi’’ ryatanguye kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017, rizorangira kw’igenekerezo rya 9 Mukakaro 2017.
MUGISHA Van Naris