Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abitegurira gusubiramwo ikibazo ca Reta basaba ko ingingo yo gutangishwa (...)
Abitegurira gusubiramwo ikibazo ca Reta basaba ko ingingo yo gutangishwa amafaranga ihagarikwa
mardi 19 décembre 2017
Ivyo babishikirije, inyuma yaho umushikiranganji w’indero asohoye urwandiko rumenyesha ko abanyeshure bazosubiramwo ikibazo ca Reta bazotanga ibihumbi 50 vy’amafaranga y’amarundi,kugira baronswe uburenganzira bwo gukora ico kibazo ku yindi ncuro.
Egide NTAMWANA ari mu bazosubiramwo ico kibazo ku ncuro ya mbere, avuga ko vyoba vyiza babakuyeko ayo mafaranga kuko kuva na kera ata mafaranga yasabwa kugira abasubiramwo baronswe uburenganzira bwo kugikora.
Egide NTAMWANA avuga ati : “ Ubukene abantu turimwo ni bwinshi vyotugora kuronka ayo mafaranga,nibayadukureko kuko kuva na kera ico kibazo casubirwamwo ku buntu, ata mafaranga atanzwe.”
Egide NTAMWANA avuga ko abatahora baja gusubiramwo ico kibazo bari biyandikishije bitumwa n’imvo nyinshi zitandukanye z’umuntu, bitotuma ayo mafaranga atangishwa.
Diomede NTIRANYIBAGIRA avuga ko iyo ngingo yaje ibavuna, bizotuma bamwe badebukirwa kandi bipfuza kurondera ayandi mahirwe yo kumenya ico kibazo kugira babandanye amashure ya kaminuza nk’abandi.
Diomede NTAMWANA yavuze ati : “ Umwana n’uwigihugu ababijejwe bakwiye kuja hamwe barabe uko vyongenda bibaye ngomba iyo ngingo ihinyanyurwe canke barabe ikindi kintu coyisubirira atari gutangishwa amafaranga.”
Mu rwandiko umushikiranganji w’indero yasohoye yamenyesheje ko, abanyeshure bazosubiramwo ikibazo ca reta Exetat bazotanga amafaranga ibihumbi 50 kugira baronswe uburenganzitra bwo gusubiramwo, yasiguye ko hibonekeje abanyeshure biyandikisha ntibabe bakija kugikora bigatuma Reta ihahombera uburyo iba yategekanije bujanye n’igitigiri c’abiyandikishije.
BIKORIMANA Vianney
Messages
20 décembre 2017, 12:07, par Busurahende
Ivy’i Burundi vyabaye akananira bahinga. Gusagata bigeze no gisata c’indero gushika mu bibazo. Udafise ihera nta bwenge ushobora kuronka, uzopfa uri igihwiji ku bw’ubutegetsi buhari kuva 2015 n’ahazobandanya.