Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afganistan: Abantu 90 baguye mu gitero,abandi 400 barakomereka
Afganistan: Abantu 90 baguye mu gitero,abandi 400 barakomereka
jeudi 1er Ruheshi 2017
Umukuru w’igihugu ca Afghanistan Ashraf Ghan yiyamirije ico gitero cabereye ku mugwa mukuru Kaboul kigahitana abantu 90 aho yamenyesheje ko ico gitero ari ubwicanyi bwa kiremwa muntu .
Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres nawe yiyamirije yivuye inyuma ico gitero .
Iry’abongereza BBC imenyesha ko uwatwara imodoka yiyo radiyo Mohammed Nazir ari mu bahitanywe n’ico gitero .
Umugwi Haqqani ufitaniye ubucuti bwa hafi n’umugwi w ‘abataribani niwo wagirizwa ico gitero ufadikanije n’igihugu ca Pakistan, ariko i gihugu cPakistan kiriyamiriza ivyo vyagiriji kuko atashingiro bifise.
BIKORIMANA Vianney