Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Aba Islam babiri bishwe bacumiswe uwundi arakomereka
Afrika y’Epfo : Aba Islam babiri bishwe bacumiswe uwundi arakomereka
jeudi 14 juin 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko uwo yagize ico gitero, yari yitwaje inkota, yaje igihe abantu bari bakoraniye ku musigiti wa Malmesbury, mu buraruko bw’igisagara ca Cape Town isaha icenda z’ubucagucagu.
Iradiyo BBC, imeneyesha ko umukuru w’igiporisi Henry Durant yabwiye Africa’s News ko uwakoze ubwo bwicanyi yaje yiruka aca atangura gucumita abantu, kandi ko yoba ari umunyamahanga.
Lt Col Andre Traut avuga ko uwo yakoze ubwo bwicanyi yashatse kugwanya abaporisi bariko baramugondoza ngo yishikane, baca baramurasa aca yitaba Imana.
Ishirahamwe ry’aba islam mu gihugu ca Afrika y’Epfo, bavuze ko bababajwe n’ico gitero, ko kandi hejuru y’abapfuye hari n’uwundi mugabo yakomeretse.
MUGISHA Van Naris
Messages
14 juin 2018, 16:55, par john
abayisilamu nabo bishe benshi ka nabo bishyurwe