Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Jacob Zuma yasavye kwongerwa mezi atatu kugira ave ku (...)
Afrika y’Epfo : Jacob Zuma yasavye kwongerwa mezi atatu kugira ave ku butegetsi
mardi 13 février 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umunyamabanga mukuru wa ANC, Ace Magashule, yavuze ko Jacob Zuma asa n’uwemeye kuva ku butegetsi, ngo ariko ashaka kuba arabugumyeko ayandi mezi atatu canke atandatu.
Ace Magashule yavuze ko abakuru mu mugambwe bumva ko umukuru w’igihugu Jacob Zuma yari akwiye kuva ku butegetsi vuba bishoboka ku neza y’igihugu ca Afrika y’Epfo.
Yavuze ko umurwi nyobozi ku rwego rw’igihugu ushaka ko umukuru w’umugambwe ANC, Cyril Ramaphosa, aca aba umukuru w’igihugu.
Jacob Zuma ariko agerageza kuguma ku butegetsi naho yagirizwa igiturire ku rwego rwo hejuru.
MUGISHA Van Naris