Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo:Jacob Zuma yoba yongewe amasaha 48 kugira atange (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afrika y’Epfo:Jacob Zuma yoba yongewe amasaha 48 kugira atange (...)

Afrika y’Epfo:Jacob Zuma yoba yongewe amasaha 48 kugira atange imihoho

mardi 13 février 2018

Amakuru ava mu binyamakuru vyo muri Afrika y’Epfo avuga ko Jacob Zuma yoba yongewe amasaha 48 kugira abe yatanze imihoho.

Amakuru dukesha ikinyamakuru RFI, inama yabaye ku munsi w’ejo yari yateguwe kumara umwanya muto ariko yahavuye imara amasaha 13 yose, ivyayivuzwemwo bikaba vyabaye ibanga.

Mu mpera z’indwi iheze, Cyril Ramaphosa aramutswa uburongozi bw’umugambwe ANC yari yijeje abanyafrika y’Epfo ko ikibazo kigiye gutora inyishu mu maguru masha, ariko inkuru y’imvaho ikaba igoye kumenyekana.

Nk’uko tubandanya tubikura kuri RFI,mu masaha ya sayine n’igice z’ijoro, Cyril Ramaphosa yarasohotse ava mu nama agana ku kirimba c’umukuru w’igihugu, ivyo baganiriye bikaba bitaramenyekana.Yahavuye asubira mu nama aho yahavuye ataha igihe c’isaha icenda z’ijoro.

Ibinyamakuru vyo muri Afrika y’Epfo bikavuga ko uburongozi bwa ANC bwasavye Jacob Zuma gukinjura ku butegetsi, bikanugwanugwa ko yoba yongewe amasaha 48 kugirango afate ingingo yo gutanga imihoho ku bushake bwiwe, atari ukwo umugambwe ANC ugategekanya gusaba inama nshingamateka kumukombora.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.