Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo: Sentare nkuru yahagaritse ingingo ya Reta yo kuva muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo: Sentare nkuru yahagaritse ingingo ya Reta yo kuva muri (...)

Afrika y’Epfo: Sentare nkuru yahagaritse ingingo ya Reta yo kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha

jeudi 23 Ruhuhuma 2017

Sentare nkuru mu gihugu ca Afrika y’Epfo yavuze ko ingingo ya Reta yo kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikorera i La Haye mu Buholande, ihonyanga ibwirizwa nshingiro.

Sentare nkuru ya Afrika y’Epfo yavuze ko Reta yategerezwa kubanza kubisaba inama nshingamateka.

Umugambwe utavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Afrika y’Epfo DA (Democratic Alliance) niwo wari washikirije ikirego uvuga ko Reta yahonyanze amategeko kuko yari kubanza kubicisha mu nama nshingamateka.

Inyuma y’ibirego vy’umugambwe utavuga rumwe na Reta Democratic Alliance ,sentare nkuru y’igihugu ca Afrika y’Epfo yasavye Reta ko ihagarika ingingo yo kuva muri sentare mpuzamakungu mpana vyaha, ikorera i La Haye.

Umushikiranganji w’ubutungane Michael Masutha, yavuze ko Reta ya Afrika y’Epfo igifise umugambi wo kuva muri Sentare mpuzamakungu, kandi ko ishobora kwunguruza urubanza.

Afrika y’Epfo, Uburundi na Namibia nivyo bihugu vyamenyesheje ubwa mbere ko bivuye muri sentare mpuzamakungu mpana vyaha, vyagiriza iyo sentare ko ikurikirana abanyafrika gusa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.