Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo : Sentare yongereje igihano ca Oscar Pistorius - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Sentare yongereje igihano ca Oscar Pistorius

Afrika y’Epfo : Sentare yongereje igihano ca Oscar Pistorius

vendredi 24 novembre 2017

Naho yari yaciriwe gupfungwa imyaka itandatu,abashikirizamanza bavuze ko imyaka itandatu yari yaciriwe gupfungwa ari mike, kandi biteye isoni.

Amakuru dukesha Iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umuvugizi w’umuryango wa Reeva Steenkamp yavuze ko urwo rubanza rwashatse kuraba ko habaye ubutungane kuri ivyo vyashikiye umukobwa wo mu muryango wabo.

Sentare ntahinyuzwa igisata c’iyungururrizo i Bloemfontein yasabiye Oscar Pistorius gupfungwa n’imiburiburi imyaka 15, havuyemwo igihe amaze apfunzwe.

Oscar Pistorius yisiguye avuga ko yishe Reeva Steenkamp ku munsi mukuru w’abakundana mu 2013 amwitiranije n’umusuma.

Sentare y’intango yasiguye ko yari yamuciriye gupfungwa imyaka itandatu kuko yemeye ico yakoze kandi akavyicuza.

Oscar Pistorius ntiyitavye urwo rubanza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.