Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo : Umugambwe ANC usaba Jacob ZUMA gutanga imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afrika y’Epfo : Umugambwe ANC usaba Jacob ZUMA gutanga imihoho

Afrika y’Epfo : Umugambwe ANC usaba Jacob ZUMA gutanga imihoho

lundi 12 février 2018

Amakuru dukesha iradiyo BBC, amenyesha ko kur’uyu w’Imana uheze,umukuru w’umugambwe ANC,Cyril Ramaphosa, yasavye umukuru w’igihugu Jacob ZUMA kwemera hagati yo gutanga imihoho kubushake bwiwe canke gukurwa ku butegetsi hakoreshejwe ububasha urwego nshingwantwaro rw’umugambwe rufise.

Bitegekanijwe ko Jacob ZUMA niyo atashira mu ngiro ivyo yasabwe ko hazoca hatunganywa amatora mu nama nshingamateka kugira akurweko icizere afise.

Ayo makuru avuga ko Jacob ZUMA amaze iminsi asaba ubwiwe uko vyogenda kugira ashikirize ubutegetsi.

Haciye imisi itari mike Jacob ZUMA, umukuru w’igihugu ca Afrrika y’Epfo yagirizwa igiturire hamwe no kunyuruza itunga rya Reta inyuma yaho bimenyekanye ko amafaranga yakoresheje mu kwubaka inzu nziza igezweho mu gace avukamwo ko ari ayo yakuye mu kigega ca Reta.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.