Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo: Umukuru w’igihugu aragirizwa gukorera mu kwaha kwa (...)
Afrika y’Epfo: Umukuru w’igihugu aragirizwa gukorera mu kwaha kwa Guptas
samedi 3 Ruheshi 2017
Umugambwe ANC uvuga ko ibivugwa ku mukuru w’igihugu Jacob Zuma bituma abanyagihugu bakura icizere kuri Reta,kandi ibivugwa bitari bikwiye gushika mu banyagihugu.
Haraheze indwi imwe gusa, umugwi nyobozi w’umugambwe ANC uhejeje kwiga kazoza k’umukuru w’igihugu Jacob Zuma wafashe ingingo yo kumugumiza ku burongozi bw’umugambwe.
Jacob Zuma amaze guhakwa gukugwa n’abo bari kumwe mu mugambwe ANC incuro nyinshi,uwuzomusubirira bitegekanijwe ko azotorwa mu kwezi kwa Kigara 2017.
MUGISHA Van Naris